Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Baca mu kiyaga n’amaguru bagiye kuvuga inkuru nziza

Baca mu kiyaga n’amaguru bagiye kuvuga inkuru nziza

Intara yitwa Schleswig-Holstein yo mu Budagi, iri ku nkengera y’ikiyaga co mu buraruko. Hirya gato mu burengero bw’iyo ntara, hari abantu nka 300 baba mu tuzinga dutoduto twitwa Halligen dusabagiye muri ico kiyaga. None bigenda gute ngo abo bantu bungukire ku nyigisho zo muri Bibiliya Ivyabona vya Yehova batanga?Matayo 24:14.

Mu tuzinga tumwetumwe, Ivyabona bajayo bakoresheje ubwato. Ariko rero mu tundi bajayo bakoresheje ubundi buryo. Hari umugwi mutoya w’Ivyabona uhora ujayo uciye mu kuyaga n’amaguru, ukagira urugendo rw’ibilometero bitanu. Uti babigenza gute?

Bisunga urugero rw’amazi

Muri utwo tuzinga Halligen, uko haciye amasaha nk’atandatu, urugero rw’amazi y’ico Kiyaga co mu buraruko rurongerekana canke rukagabanuka nk’imetero zitatu! Iyo amazi agabanutse, mu gice kinini c’ico kiyaga haca hibonekeza isi butaka. Ivyabona vya Yehova baca bashobora rero gushika mu tuzinga dutatu n’amaguru.

None urwo rugendo ruba rworoshe? Uwitwa Ulrich, akaba ari we yama ayobora uwo mugwi ujayo, avuga ati: “Kugira ngo dushikire kamwe muri utwo tuzinga twa Halligen bisaba nk’amasaha abiri. Akenshi tugenda tutambaye ibirato. Ivyo bituma dutambuka tworohewe kandi tukanyaruka. Mu gihe c’ubukanye tugenda twambaye amabotine.”

Uwutarabibona yumva umenga birasiga ubwenge. Ulrich avuga ati: “Womenga uriko ugendagenda ku yindi si. Hari ibice usanga birimwo ivyondo, ibindi na vyo ibitandara, habaka n’ibindi usanga birimwo ivyatsi vyo mu mazi. Urabona inyoni nyinshi, inkara, be n’ibindi biremwa.” Hari igihe abagize uwo mugwi bagenda barasimba udufuruge tuba twasigayemwo amazi, mu kidagi tukaba twitwa Priele.

Izo ngendo usanga zirimwo ingorane. Ulrich asigura ati: “Urashobora kuzimira bitagoranye na canecane iyo hateye ibintu bimeze nk’igipfungu. Ico gihe duca dukoresha akuma kerekena amerekero y’isi be n’utundi twuma tw’ubuhinga, tukongera tukubahiriza cane amasaha kugira ngo ikiyaga ntigahave kitwuzurirako.”

Bariko baravuga inkuru nziza mu kazinga kamwe ka Halligen

None ako kigoro kavamwo iki? Mu kutwiganira inkuru y’umugabo umwe w’imyaka 90 yama asoma Umunara w’Inderetsi na Be maso!, Ulrich avuga ati: “Umusi umwe, umwanya waratubanye muto ntitwaja kumuraba. Ariko imbere y’uko dutaha yaciye yurira ikinga aradukurikira. Adushikiriye yavuze ati: ‘Nta Munara w’Inderetsi munsigira? Basha, twaciye tuwumuha.”

Raba n'ibindi

Kubera iki Ivyabona vya Yehova bamamaza?

Hari imvo zitatu nyamukuru zituma twamamaza kw’isi yose.

Ivyabona vya Yehova batunganya gute igikorwa cabo co kwamamaza?

Turakurikiza akarorero Yezu yatanze igihe yari kw’isi. Bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kwamamaza ni ubuhe?