Ja ku birimwo

Amavidewo aboneka mu ndimi amajana

Amavidewo aboneka mu ndimi amajana

Ivyabona vya Yehova barazwi hose kubera igikorwa cabo c’ubuhinduzi. Muri Munyonyo 2014, Bibiliya twari tumaze kuyihindura mu ndimi 125, ibitabu bishingiye kuri yo na vyo mu ndimi 742. N’amavidewo ntasigara inyuma muri ico gikorwa c’ubuhinduzi. Gushika muri Nzero 2015, videwo ivuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga yaboneka mu ndimi 398, iyivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? na yo ikaboneka mu ndimi 569. Kubera iki twakoze ico gikorwa kandi twagikoze gute?

Muri Ntwarante 2014, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yarasavye ibiro vy’amashami biri hirya no hino kw’isi ngo bitegure amajwi azokoreshwa mu mavidewo mu ndimi nyinshi zishoboka, mu ntumbero yo gufasha abantu kwiga Bibiliya.

Guhindura videwo mu rundi rurimi bisaba intambwe nyinshi. Ubwa mbere, abahinduzi babanza guhindura igisomwa. Ubwa kabiri, haratorwa abantu bonse urwo rurimi basubiramwo amajambo yo muri iyo videwo. Ubukurikira, abajejwe amajwi n’amasanamu baca bafata amajwi muri urwo rurimi, bakayatosora bakongera bagashiramwo n’utujambo tudondora amasanamu amwamwe. Amaherezo, amajwi, igisomwa n’amasanamu birashirwa hamwe, hagaca haboneka videwo ishobora gushirwa kuri internet.

Ibiro bimwebimwe vy’Ivyabona vya Yehova usanga bifise ivyumba vyo gufatiramwo amajwi n’abantu bamenyereye ico gikorwa. None bigenda gute ku ndimi duhinduramwo ibitabu vyacu ariko zivugwa mu turere turi kure y’ivyo biro?

Hirya no hino kw’isi, abahinga baragiye muri utwo turere bitwaje ivyuma vyagenewe gufata amajwi. Bakoresheje mikoro na orodinateri ngendanwa irimwo porogarama yo gufata amajwi, baratunganije ivyumba bafatiramwo amajwi haba mu biro, mu Ngoro z’Ubwami canke mu mihana. Abantu bonse urwo rurimi baratowe kugira basome igisomwa, bakurikirane ingene gisomwa bongere barabe ko ata mahinyu arimwo. Igikorwa co gufata amajwi kirangiye kandi kikemezwa, abo bahinga baca batekera ivyuma vyabo bakaja mu kandi karere.

Ubwo buryo bwaratumye igitigiri c’indimi amavidewo ahindurwamwo congerekana incuro zitatu.

Ntiworaba ingene abantu bakunze cane ayo mavidewo. Kuri benshi, amavidewo yacu yabaye aya mbere babonye mu rurimi rwabo kavukire.

Rumwe mu ndimi zafashwemwo amajwi ni Pitjantjatjara, rukaba ruvugwa n’abantu barenga 2.500 muri Ostraliya. Amajwi bayafatiye mu gisagara ca Alice Springs mu Ntara yo mu buraruko. Uwitwa Callan Thomas yafashije mu gufata amajwi yavuze ati: “Abantu barakunze cane ayo mavidewo. Abasangwabutaka vyaranse ko bakura amaso kuri iyo videwo ku buryo bagumye batubaza aho bakura izindi. Hari ibitabu bike cane muri urwo rurimi. Igihe bumvise ikintu kiri mu rurimi rwabo, canecane bakacibonera, emwe, barata amacumu!”

Ivyabona babiri bo muri Kamerune bariko baramamaza bari mu bwato. Barahagaze mu kigwati kimwe c’Abaterambere maze bavugana n’umukuru wabo, akaba yari umwigisha kw’ishure ryo ng’aho. Bamaze kwumva ko uwo mukuru wabo avuga ururimi rw’iki bassa, ivyo Vyabona baciye bamwereka mu rurimi rwiwe ka kavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Uwo mutware yarumiwe, aca asaba ko bomuronderera n’ibindi bitabu.

Mu kigwati kimwe co muri Endoneziya, umukuru w’idini ryo ng’aho yararwanije Ivyabona vya Yehova yongera araturira ibitabu vyose bari batanze muri ako karere. Abandi bantu bo muri ico kigwati barateye ubwoba Ivyabona ngo bazoturira Ingoro y’Ubwami yabo. Inyuma y’ivyo, abapolisi bane baragiye ku muhana w’Icabona kumusambisha we n’umuryango wiwe. Kubera yuko bashaka kumenya ibibera mu Ngoro y’Ubwami, yaciye abereka mu kinyendoneziya ka kavidewo kavuga ngo Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga.

Bahejeje kuraba iyo videwo, umwe muri abo bapolisi yavuze ati: “Ubu ndabonye ko abantu babatahura ukutari kwo be n’uko batazi ivyanyu.” Uwundi mupolisi yaciye abaza ati: “Noshobora kuronka iyo videwo kugira nze ndayereke abandi? Irimwo amakuru y’imvaho ku biberekeye.” Ubu igipolisi kiraba ryiza Ivyabona vya Yehova kandi kirabakingira.

Nimba utarabona ayo mavidewo, ubona gute uyaravye mu rurimi rwawe?