Ja ku birimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Urushato rwisukura rw’urufi bita baleine-pilote

Urushato rwisukura rw’urufi bita baleine-pilote

 Hari udukoko n’utundi tunyabuzima two mu mazi tumata ku bwato bigatuma ababutwara bagira ingorane. Ivyo bintu bimata ku bwato bituma butanyaruka, bukanywa igitoro cinshi kandi bigasaba ko baza barabujana kubwogesha uko haciye imyaka nk’ingahe. Abahinga bariko baragerageza gutorera umuti iyo ngorane bisunze ivyaremwe.

 Rimbura iki kintu: Ivyigwa vyagizwe vyerekana ko urushato rw’urufi bita baleine-pilote rufise ububasha bwo kwisukura. Urwo rushato rwuzuyeko uduhirohiro dutoduto cane ku buryo bitoroha ko utwo dukoko tumatako naho twoba tukiri utunyo. Hagati y’utwo duhiro haba hari ibintu binyerera bituma urubobi n’izindi mikorobe bidafata kuri urwo rufi. Iyo urwo rufi rwiyubuye, urushato rwarwo ruca ruzana ibindi bintu binyerera.

 Abashakashatsi bariko bariyumvira kwisunga ubuhinga bw’urwo rufi kugira bahingure ibintu vyobuza utwo dukoko kumata ku bwato. Kera basiga ku mato irangi rituma utwo dukoko tutamatako. Ariko irangi ryahora rikoreshwa cane riheruka kubuzwa kubera ribangamira ibinyabuzima vyo mu mazi. Ubu bafashe ingingo yo gufata ikintu kimeze nk’akayungiro k’icuma bakagihomeka ku ndiba y’ubwato iriko intoboro zirimwo umuti utabangamira ibidukikije. Uwo muti uhuye n’amazi uca uvura, ugaca umera nk’igishato gipfuka indiba y’ubwato yose. Uko haca igihe, ico gishato c’intimba ya milimetero 0,7 kirasaza hama kikamaduka, kikavanako n’udukoko twose twari twarakimaseko. Za ntoboro zica zirekura uwundi muti utuma hiremarema ikindi gishato.

Udukoko tumata ku bwato dutuma butanyaruka kandi biragoye kudukurako

 Ubushakashatsi bwagizwe bwerekanye ko ubwo buhinga bushobora kugabanya cane ubucafu bumata ku bwato. Ivyo bizotuma amashirahamwe atwara ibintu mu mato ahatorera akoyoko kubera ko gukura ubwato mu mazi no kubwoza bitwara amahera menshi cane.

 Uvyibazako iki? Urushato rwisukura rw’urwo rufi rwoba rwariyadukije, canke hariho uwarushizeho?