Vyoba vyararemwe?

Ivyo wemera ku bijanye n’ukuntu ubuzima bwatanguye kubaho biri n’ico bivuze koko.

Intangamarara

Uyu mubumbe wacu woba wagenewe ibinyabuzima? Inyigisho y’ivy’ihindagurika yoba ishingiye ku bimenyamenya bifadika?

Wewe wemera iki?

Ushobora kuba wemera Imana kandi wubaha Bibiliya ariko kandi ukaba uha agaciro ivyiyumviro bishikirizwa n’abahinga batemera ko ibiriho vyaremwe.

Umubumbe w’ibinyabuzima

Ubuzima ntibwokwigeze bushoboka kw’isi iyo hataba hariho ibintu bitari bike usanga hari abavuga ko vyapfuye kwiyadukiza. Ivyo bintu bavuga ko vyapfuye kwiyadukiza vyoba vyabayeho ku gihamana canke vyashizweho hakoreshejwe ubwenge?

Ni nde yatanguye kubishiraho?

Abashakashatsi usanga bahingura ibintu bafatiye ku binyabuzima biri mu bidukikije kugira ngo batorere umuti ingorane ziba zibahanze mu bijanye no guhingura ibintu. Nimba ivyo bisaba ko haboneka umuhinguzi w’umunyabwenge, none ico afatirako coco vyagenze gute ngo kibeho?

Ukuri be n’ibinyoma ku vyerekeye ihindagurika

Kimwe mu vyo abashigikira ihindagurika bemera ni uko amahinduka aba mu tugingo ngengakamere atuma ubwoko bwo mu ntango bw’igiterwa canke bw’igikoko buhinduka bukavamwo ubundi bwoko bushasha ata ho busa busana n’ubwa mbere. Ivyo vyoba ari ukuri?

Siyansi be n’inkuru yo mw’Itanguriro

Siyansi yoba idahuza n’inkuru y’ivy’irema yiganwa muri Bibiliya?

Ivyo wemera vyoba hari ico bitwaye?

Ivyo wemera ku bijanye n’ihindagurika vyoba vyarahinduye ukuntu wari usanzwe utahura intumbero y’ubuzima?

Urutonde rw’ivyakuwemwo amakuru

Raba urutonde rw’ivyakuwemwo amakuru yakoreshejwe muri aka gatabu.