Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Ingene wotunganya JW Library​—Android

Ingene wotunganya JW Library​—Android

JW Library irafise utuntu tugufasha kuyitunganya ku buryo usoma ibirimwo uko uvyipfuza. Iyo uriko urasoma ikigabane canke ikiganiro kanaka, utwo tuntu udusanga hejuru mu mfuruka y’iburyo.

Tumwetumwe muri two, kugira udushikire bisaba ko ufyonda kuri utwo tuburungu dutatu tugerekeranye.

Ehe raba ingene wobigira igihe wipfuza:

 Guhindura ururimi

Urashobora guhindura ururimi rw’ikigabane canke ikiganiro uriko urasoma.

  • Fyonda ako kamenyetso kariko indome kugira ubone indimi zose ico gisomwa kibonekamwo. Indimi ukunda gukoresha kenshi ni zo ziza imbere y’izindi. Urahabona n’Iminara yo mu nteguro zoroheje. Urashobora no kurondera ururimi wipfuza mu kwandika izina ryarwo.

  • Indimi utaravoma usanga ziriko akamenyetso kameze nk’igicu. Fyonda ku rurimi wipfuza kugira uvome igitabu muri urwo rurimi. Umaze kuvoma igitabu, ka kamenyetso kameze nk’igicu gaca kazimangana. Ca usubira ufyonde kuri urwo rurimi kugira ugisome.

 Guhindura ubunini bw’indome

Urashobora gutuma indome zingana uko ushaka.

Fyonda kuri twa tuburungu dutatu, uce ufyonda ahanditse ngo Taille de police; uce ukwega ako kaburungu gushika indome zigize ubunini wipfuza. Indome zica zingana ukwo nyene ku bitabu vyose.

 Kwugurura ibiganiro nk’ibisomwa gusa canke biriko n’ibicapo

Hari ibiganiro ushobora kwugurura ari ibisomwa gusa canke biriko n’ibicapo. Fyonda akamenyetso kabigenewe kugira ikiganiro cuguruke uko ushaka.

  • Biriko n’ibicapo: Ushimye kuvyugurura biriko n’ibicapo, biza bimeze nka kurya biri mu gitabu. Hari abashima gukoresha ubwo buryo nko ku gitabu c’indirimbo kugira babone amanota y’umuziki.

  • Nk’ibisomwa gusa: Ushimye ko vyuguruka ari ibisomwa gusa, urashobora gufyonda ku vyanditswe bikuguruka kandi indome zikagira bwa bunini wipfuza.

 Ouvrir dans . . .

Uciye ahavuga ngo Ouvrir dans . . . urashobora gusomera mu tundi duporogarama ivyo kuri JW Library.

Ufyonze Ouvrir dans . . . uca ubona utwo duporogarama. Nk’akarorero, urashobora gufyonda Ouvrir dans Bibliothèque en ligne kugira ngo ikiganiro uriko urasoma cugurukire mu CEGERANYO C’IBITABU CO KURI INTERNET.

 Personnaliser

Igihe ufyonze icanditswe catanzwe, gica cuguruka. Fyonda ahanditse Personnaliser munsi y’aho icanditswe cugurukiye kugira uhitemwo Bibiliya wavomye woshima ko zoza ziruguruka.

Fyonda akazingi gatukura kugira uyikuremwo, canke ak’urwatsi rubisi kugira uyongeremwo.

Raba ikiganiro kivuga ngo “Ingene wovoma amabibiliya n’ingene woyakoresha​—Android” kugira umenye ingene woronka izindi Bibiliya muri JW Library.

Ubu buryo bwo gukoresha JW Library bwabonetse muri Ruhuhuma 2015 igihe hasohoka JW Library 1.4, iyikorana na Android 2.3 canke iy’inyuma yaho. Nimba atari ko bikora muri JW Library yawe, raba ibivugwa mu kiganiro kivuga ngo “Koresha JW Library​—Android,” munsi y’ahavuga ngo Raba ko programa yawe ari iya vuba.