Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

JW LIBRARY

Koresha JW Library—Android

Koresha JW Library—Android

Urahawe ikaze kuri JW Library. Ako gaporogarama kagufasha gusoma Bibiliya no kuyiga. Urashobora gushikira ibice nyamukuru vyako uciye ahari urutonde rw’intango. Kugira ubone urwo rutonde, nyereza urutoke uva ibubamfu uja i buryo canke ufyonde ku turongo dutatu turi hejuru ibubamfu.

 Bible

Ufyonze ahanditse Bible, urashobora kuvoma Bibiliya zitandukanye no kuzisoma. Fyonda ku gitabu ca Bibiliya wipfuza, hanyuma ku kigabane, ubone gusoma aho wipfuza. Uriko urasoma, urashobora no gusoma ibiri mu tujambo tw’epfo, mu marabiro no mu yandi mabibiliya.

Ushaka gusoma ikindi canditswe, subira muri rwa rutonde rw’intango, ufyonde kuri Bible. Uca usubira kubona ibitabu bigize Bibiliya.

 Publications

Ufyonze ahavuga ngo Publications, urahabona ivyo gusomwa, ivyafashwe amajwi n’amavidewo. Fyonda ku gitabu wipfuza, uce ufyonda ku kiganiro ushaka gusoma. Uriko urasoma, urashobora no gusoma ivyanditswe vyatanzwe. Ufyonze ku canditswe, gica cuguruka. Ugiye aho cugurukiye ugasubira kugifyonda, gica cugurukira muri Bibiliya.

Ushatse gusoma ikindi gitabu, subira uje kuri rwa rutonde rw’intango, uce usubira gufyonda ahanditse Publications, kugira ushikire urutonde rw’ibitabu birimwo.

 Texte du jour

Muri rwa rutonde rw’intango, ufyonze ahanditse ngo Texte du jour, uca ubona icanditswe c’umusi.

 En ligne

Igice kivuga ngo En ligne kiri muri rwa rutonde rw’intango, gifise imice itatu igushikana ku mbuga zacu.

 Raba ko programa yawe ari iya vuba

Nuze urasuzuma ko JW Library yawe iri ku gihe.

Ni vyiza kwama uraba ko Android ukoresha mu kuma kawe ari iya vuba. Ushaka kumenya vyinshi, fyonda aha: https://support.google.com/nexus/answer/4457705.

Kugira bikworohere, woshobora kuregera akuma kawe ku buryo kaza karashira ku gihe programa zirimwo. Ushaka kumenya vyinshi, fyonda aha: https://support.google.com/googleplay/answer/113412.