Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Kurondera ijambo muri Bibiliya canke mu gitabu​—Android

Kurondera ijambo muri Bibiliya canke mu gitabu​—Android

JW Library irafise uburyo bugufasha gutora ijambo canke amajambo muri Bibiliya canke mu gitabu.

Raba ingene wobigira ushaka:

 Kurondera ijambo muri Bibiliya

Urashobora kurondera ijambo muri Bibiliya uriko urasoma.

Ukiri aho muri Bibiliya, fyonda kuri aka kamenyetso kameze nk’icirore; uce wandika iryo jambo urondera. Uriko uraryandika, haca haza n’ayandi ribonekamwo. Fyonda kuri rimwe muri ayo canke ufyonde ahemeza iryo wanditse kugira urabe aho riboneka hose.

Ahanditse Versets les plus cités herekana ivyanditswe bikoreshwa kenshi birimwo iryo jambo. Ahanditse Tous les versets herekana ivyanditswe ribonekamwo nk’uko bikurikirana muri Bibiliya. Ahanditse Articles herekana aho iryo jambo riboneka mu biganiro vy’intangamarara no mu mayagwa y’inyongera.

Nimba wanditse umugwi w’amajambo, fyonda ahanditse Expression exacte kugira haze gusa aho aboneka kurya nyene wayakurikiranije.

 Kurondera ijambo mu gitabu

Urashobora kurondera ijambo canke amajambo mu gitabu uriko urasoma.

Ukiri aho muri ico gitabu, fyonda kuri ka kamenyetso kameze nk’icirore; uce wandika ijambo urondera. Uriko uraryandika, haca haza n’ayandi ribonekamwo. Fyonda kuri rimwe muri ayo canke ufyonde ahemeza iryo wanditse kugira urabe aho riboneka hose.

Nimba wanditse umugwi w’amajambo, fyonda ahanditse Expression exacte kugira haze gusa aho aboneka kurya nyene wayakurikiranije.

 Kurondera ijambo muri Étude perspicace

Nimba umaze kuvoma igitabu Étude perspicace, urashobora kurondera ijambo risigurwa muri ico gitabu. Ivyo urashobora kubigira uriko urasoma Bibiliya canke ikindi gitabu kuri JW Library.

Fyonda kuri ka kamenyetso kameze nk’icirore, uce wandika ico urondera. Uriko uracandika, ugenda urabona aho kiboneka muri Étude perspicace n’ahandi. Ca ufyonda aho ushaka gusoma.

Ubu buryo bwo gukoresha JW Library bwabonetse muri Gitugutu 2014 igihe hasohoka JW Library 1.3.4, iyikorana na Android 2.3 canke iy’inyuma yaho. Nimba atari ko bikora muri JW Library yawe, raba ibivugwa mu kiganiro kivuga ngo “Koresha JW Library​—Android,” munsi y’ahavuga ngo Raba ko programa yawe ari iya vuba.