Amakuru
Ko Sentare nkuru yo mu Burusiya yahagaritse urwego rwemewe n’amategeko rw’Ivyabona vya Yehova rw’i Samara, ni ibiki twokwitega?
Ingingo Sentare nkuru yafashe ntiyorohereza Ivyabona vya Yehova nka 180.000 bo mu Burusiya. Abategetsi boshobora kwitwaza iyo ngingo yafashwe kugira ngo barwanye Ivyabona vya Yehova.
Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya i Séoul
Ku gikorane mpuzamakungu cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!”, Ivyabona vya Yehova barasohoye Bibiliya y’isi nshasha y’ikinyakoreya yasubiwemwo.
Ivyabona vya Yehova bariko baratuma abaganga bo muri Danemarke bijukira kubaga badakoresheje amaraso
Ibinyamakuru bikomeye biravuga ko urwego rujejwe ivy’ubuvuzi rwo mu gihugu ruriko ruratanguza ubundi buryo bushasha bujanye no kugabanya amaraso aseseka igihe bariko barabaga hamwe no kubaga hadakoreshejwe amaraso.
Sentare y’akarere ya Rostov yoba izokwambika izera Ivyabona vya Yehova canke izobapfunga?
Ku wa 11 Kigarama 2014, Sentare y’akarere ya Rostov izokwumviriza urubanza rwungurujwe rwerekeye Ivyabona vya Yehova 16 b’i Taganrog mu Burusiya. Bagirizwa ko bakoze ibikorwa vy’intagondwa.
Abategetsi bo muri Megizike barashimiye Ivyabona kubera ko basukuye ikibuga c’inkino
Kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2014, Ivyabona vya Yehova barenga 250 baritanze barafasha gusukura ikibuga c’inkino ca Baldomero “Melo” Almada. Ico gikorwa bakoze catumye abategetsi babashimira cane.
Ivyabona vya Yehova barafashije abatewe n’ivyondo i Hiroshima
Imvura y’isegenya yaguye i Hiroshima yarasegenyuye ivyondo, bituma abantu nka 74 bapfa abandi barenga 1.600 barata izabo. Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buyapani vyaciye vyihutira kurondera Ivyabona boja gufasha gukuraho ivyondo vyari vyuzuye mu mazu.
Amakuru mashasha: Ivyabona vya Yehova baratunganije ivyo gufasha abantu ibihumbi bataye izabo muri Ukraine
Ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Ukraine birabandanya gufasha Ivyabona ibihumbi bahunze intambara zateye mu buseruko bwa Ukraine.
Tirkimenistani yarabohoye Ivyabona bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo
Ku wa 22 Gitugutu 2014, Prezida wa Tirkimenistani yaratanze ikigongwe c’ikivunga, bituma Ivyabona vya Yehova umunani bapfungurwa. Bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo.
Naho hari intambara muri Ukraine, Ivyabona vya Yehova barakoraniye hamwe mu mahoro kandi harasohowe Bibiliya
Mu gihe mu buseruko bwa Ukraine hariko harabera intambara, abantu ibihumbi barakoraniye i Lviv mu gikorane cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Harasohowe Bibiliya y’isi nshasha yasubiwemwo mu kinya Ukraine.
Sentare nkuru y’Uburusiya yarasubiye kwumviriza urubanza rw’Ivyabona vya Yehova b’i Samara
Ku wa 12 Munyonyo 2014, Sentare nkuru y’Uburusiya yarasubiriye kwumviriza urubanza rujanye no gufuta ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova i Samara.
Ikintu c’intibagirwa mu vy’agateka ka zina muntu mu Buhindi
Ingingo yafashwe na Sentare muri rwa rubanza rudasanzwe rujanye n’uko Ivyabona vya Yehova bataririmba ururirimbo rw’igihugu, yatumye agateka ka zina muntu kubahirizwa ku banyagihugu bose bo mu Buhindi.
Sentare nkuru ya Kirgistani ishigikira umwidegemvyo wo gusenga w’Ivyabona vya Yehova
Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2014, Republika ya Kirgistani yarashikije ivyo yiyemeje bijanye no gushigikira agateka ka zina muntu mu kwemera imbere y’amategeko ibikorwa Ivyabona vya Yehova barangurira mu gihugu cose.
Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova ku kibuga c’inkino za olympique mu Bugiriki
Baragize igikorane mpuzamakungu cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Ico gikorane cabereye muri Complexe olympique d’Athènes, aho hakaba ari ho habereye inkino za olympique mu 2004.
Ivyo Ivyabona vya Yehova bariko barakora kugira birinde Ebola
Ivyabona vya Yehova barabandanya kwigisha Ivyabona bagenzi babo ibijanye n’akaga k’umugera wa Ebola, ingene wandukira hamwe n’ivyo bokora kugira ngo ntukwiragire.

