Amakuru yo kw’isi yose
Amakuru agezweho ya 1 avuye ku Nama Nyobozi (2025)
Muri aya makuru agezweho, turaza kubona ukuntu twokoresha igice kivuga ngo «Ukuri dukunda kwigisha» kiri mu nyongera ya A y’agatabu Nukunde abantu ubahindure abigishwa. Kumenya ibijanye n’ukwo kuri bizodufasha kugiranira ibiyago vyiza n’abo duhura mu gikorwa co kwamamaza.
Amakuru agezweho ya 6 avuye ku Nama Nyobozi (2024)
Muri iyi videwo, turaza kubona ukuntu twoguma twihatira gutanguza inyigisho za Bibiliya.
Amakuru agezweho ya 2 avuye ku Nama Nyobozi (2025)
Muri aya makuru agezweho, turabona utwigoro ishirahamwe ryacu ririko riragira kugira rifashe abavukanyi na bashiki bacu kumenya gusoma no kwandika twongere tubone ingene incungu ya Yezu ituma turonka amahoro. Vyongeye, hari indirimbo nshasha yasohotse tuzoririmba kw’ihwaniro ryo mu 2025.
Amakuru agezweho ya 5 avuye ku Nama Nyobozi (2026)
Muri aya makuru agezweho, turaza kuganira igituma dukwiye kwigaburira Ijambo ry’Imana buri musi. Turaza no kwumva ibintu twimirije gukora mu ndimiro.
Amakuru agezweho ya 4 avuye ku Nama Nyobozi (2026)
Muri aya makuru agezweho, turaza kwumva amakuru ajanye n’ingendo abaserukira icicaro gikuru bagize ku mashami hamwe n’izagizwe n’abo mu Nama Nyobozi. Turaza kandi kwumva amakuru yerekeye ingingo ziheruka gufatwa mu masentare zerekeye umwidegemvyo wacu wo gusenga muri Norveje no muri Suwede.
Amakuru agezweho ya 3 avuye ku Nama Nyobozi (2026)
Muri aya makuru agezweho, turaza kubona ingene abavukanyi na bashiki bacu bo mu Burusiya bihanganye muri iyi myaka icenda iheze Leta y’Uburusiya ihagaritse igikorwa cacu. Vyongeye, turaza kwumva ko hasohotse Epizode ya 4, iya 5 n’iya 6 z’igikino Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu.
Amakuru agezweho ya 1 avuye ku Nama Nyobozi (2026)
Muri aya makuru agezweho, turaza kubona ingene twokoresha neza igitabu Kwiberaho ibihe bidahera! igihe twigisha abantu.
Amakuru agezweho ya 6 avuye ku Nama Nyobozi (2025)
Muri aya makuru agezweho, turaza kubona icanditswe c’umwaka wa 2026 hamwe n’ururirimbo rushasha.
Amakuru agezweho ya 5 avuye ku Nama Nyobozi (2025)
Muri aya makuru agezweho, turaza kubona impanuro zo muri Bibiliya zodufasha gufata ingingo nziza ku bijanye no kwiga amashure yiyongereye.
Amakuru agezweho ya 4 avuye ku Nama Nyobozi (2025)
Muri aya makuru agezweho, turaza kubona impanuro zo muri Bibiliya zodufasha gufata ingingo nziza ku bijanye n’ibimenyetso bimwebimwe be n’imigenzo.
Amakuru agezweho ya 3 avuye ku Nama Nyobozi (2025)
Muri aya makuru agezweho, turabona ingene twotegekanya ivyo tuzokora mu gikorwa ca Yehova mu mezi makeyi ari imbere.
Amakuru agezweho ya 8 avuye ku Nama nyobozi (2024)
Muri aya makuru agezweho, tugiye kurabira hamwe ingene twogumana uburimbane mu kuntu dufata abakoreshwa mu mavidewo yacu.
Amakuru agezweho ya 7 avuye ku Nama Nyobozi (2024)
Muri aya makuru agezweho, turumva amakuru yerekeye abavukanyi bo hirya no hino kw’isi, dukurikire n’ikiganiro kiremesha co kubaza ibibazo umuvukanyi Jody Jedele n’umuvukanyi Jacob Rumph baheruka kuja mu bagize Inama Nyobozi.

