Ja ku birimwo

Turkmenistan

2014-12-01

Turkmenistan

Tirkimenistani yarabohoye Ivyabona bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo

Ku wa 22 Gitugutu 2014, Prezida wa Tirkimenistani yaratanze ikigongwe c’ikivunga, bituma Ivyabona vya Yehova umunani bapfungurwa. Bari bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo.

2014-10-07

Turkmenistan

Inabibondo wo muri Tirkimenistani yapfunguwe

Bibi Rahmanova yararekuwe atari avyiteze ku wa 2 Nyakanga 2014. Naho amakungu yasemereye, abacamanza ntibamwejeje.

2014-09-23

Turkmenistan

Umuvyeyi w’akana k’imyaka ine acirirwa ku karenganyo umunyororo muri Tirkimenistani

Leta ya Tirkimenistani yamye ifata nabi Ivyabona vya Yehova kandi yamye ibima ibintu vyose zina muntu afitiye uburenganzira. Bibi Rahmanova n’umuryango wiwe baheruka kurenganywa n’abategetsi b’i Dashoguz.