Ja ku birimwo

4 MUNYONYO 2014
Greece

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova ku kibuga c’inkino za olympique mu Bugiriki

Amakuru y’igikorane mpuzamakungu: Ivyabona vya Yehova ku kibuga c’inkino za olympique mu Bugiriki

Samuel Herd (iburyo), wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova, buri musi yarasozera porogarama n’insiguro ishingiye kuri Bibiliya yahindurwa mu kigiriki.

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 28 Ruheshi harabaye ibatisimu; ababatijwe bose hamwe bari 337, ni ukuvuga 305 mu Bugiriki na 32 i Shipre.

I ATENE mu Bugiriki: Ku wa 27-29 Ruheshi 2014, Ivyabona vya Yehova bo mu Bugiriki baragize igikorane mpuzamakungu cataziriwe ngo “Gume mubanza kurondera Ubwami bw’Imana!” Ico gikorane cabereye muri Complexe olympique d’Athènes, aho hakaba ari ho habereye inkino za olympique mu 2004. Ico gikorane citabwe n’abantu 35.863. Abandi bantu 3.093 bo mu Bubiligi n’i Shipre barakurikiranye biciye kuri videwo ibiganiro bimwebimwe vyaba biriko birashikirizwa muri ico gikorane, ivyo bikaba vyatumye abakurikiranye ico gikorane bose hamwe baba 38.956.

Mu bitavye ico gikorane harimwo abavuye muri Afrika y’Epfo, Hongiriya, Koreya, Krowasiya, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Rumaniya na Tirkiya. Uwitwa Christina Michail, uwo akaba ajejwe ikibuga c’inkino gikuru co ng’aho, yavuze ati: “Vyari bihimbaye kubona abantu badasangiye ibara ry’urukoba, bo mu bihugu bitandukanye, bose bicaye hamwe, bafotorana; kandi narashimye urukundo rwaharangwa . . . Ivyo ni ibintu vy’ukuri bidasanzwe. Ivyo bintu ntidukunda kubibona muri kino kibuga. Kenshi turakira abakunzi b’inkino, kandi uko bigenza ntaho guhuriye n’uku kw’aba; ni co gituma twatangajwe cane no kubona ibi bintu kandi turahimbawe cane.”

Abitavye igikorane cabereye ku kibuga c’inkino za olympique i Atene.

Robert Kern, umuvugizi w’ishami ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu Bugiriki, yongeyeko ati: “Abantu benshi baraturungikiye amakete yo gukenguruka ico gikorane no gukenguruka akaryo baronse ko kwifatanya n’abantu bo mu mihingo myinshi y’isi. Vyari bihimbaye kuba twari kumwe n’abo dusangiye ukwemera bo mu bihugu bitandukanye muri ico kiringo c’intibagirwa.”

Abajejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: J. R. Brown, wo mu biro bijejwe amakuru, tél. +1 718 560 5000

Ubugiriki: Babis Andreopoulos, tél. +30 210 617 8606