Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 62

Turi aba nde?

Turi aba nde?

(Abaroma 14:8)

1. Wewe ur’uwa nde?

Ni mana nde wumvira?

Shobuja n’urya wunamira.

Ni we man’usukurira.

Nta mana zibiri

Wewe wobangikanya.

Ntushobora kuzikunda zose

Hogir’iy’urenganya.

2. Wewe ur’uwa nde?

Ni mana nde wumvira?

Hari imwe gusa y’ukuri.

Niwerekane ah’uri.

Mbe burya Sezari

Ni we wiyeguriye?

Canke Yehova ni we wumvira

Mu vyo ab’akubwiye?

3. Jewe ndi uwa nde?

Yehova nzomwumvira.

Ni Dawe, ni we nzokorera,

Name ndamuyobokera.

Yancunguje vyinshi.

Koko nzomwihebera.

Yancunguje wa Mwana yakunda.

Nta wundi nzotumbera.