Ururirimbo 62
Turi aba nde?
1. Wewe ur’uwa nde?
Ni mana nde wumvira?
Shobuja n’urya wunamira.
Ni we man’usukurira.
Nta mana zibiri
Wewe wobangikanya.
Ntushobora kuzikunda zose
Hogir’iy’urenganya.
2. Wewe ur’uwa nde?
Ni mana nde wumvira?
Hari imwe gusa y’ukuri.
Niwerekane ah’uri.
Mbe burya Sezari
Ni we wiyeguriye?
Canke Yehova ni we wumvira
Mu vyo ab’akubwiye?
3. Jewe ndi uwa nde?
Yehova nzomwumvira.
Ni Dawe, ni we nzokorera,
Name ndamuyobokera.
Yancunguje vyinshi.
Koko nzomwihebera.
Yancunguje wa Mwana yakunda.
Nta wundi nzotumbera.
(Raba kandi Yos. 24:15; Zab. 116:14, 18; 2 Tim. 2:19.)