Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | SHETANI YOBA ABAHO?

Shetani yoba abaho?

Shetani yoba abaho?

Iki ni igishusho c’i Madrid muri Espanye cerekana Shetani nk’umumarayika mubi yakorowe kw’isi

“Nakuriye muri Salvador. Igihe naba nagambaraye, mawe yakunda kumbwira ati: ‘Shetani araza kugutwara!’ Naca ndamwishura nti: ‘Nashake aze!’ Ico gihe sinemera ko Shetani abaho, nemera Imana gusa.”—Vyavuzwe na ROGELIO.

Woba nawe wiyumvira nk’ukwo kwa Rogelio akiri umwana? Muri ibi vyiyumviro bikurikira, ni ikihe wumva ko gisa n’icumvikana?

  • Shetani ntabaho; ni ikibi gusa kiri mu muntu.

  • Shetani arabaho, ariko ivy’abantu nta co bimubwiye.

  • Shetani ni ikiremwa kitaboneka c’ububasha kigira akosho gakomeye ku bantu.

Iciyumviro kimwekimwe cose muri ivyo usanga gifise abantu nk’amamiliyoni bagishigikiye. None hari ico bimaze kumenya ic’ukuri ico ari co? Nimba Shetani atabaho, abemera yuko abaho barihenda. Nimba na ho Shetani abaho mugabo ivy’abantu bikaba ata co bimubwiye, nta mvo rero yari ikwiye gutuma abantu benshi bamutinya canke bahagarika umutima kubera we. Ariko rero, nimba Shetani ari umunyamayeri ahenda abantu, uca wumva rero ko tugeramiwe cane kurusha uko abantu benshi bavyiyumvira.

Nimuze twihweze ingene Bibiliya yishura ibi bibazo: Shetani ni iki canke ni nde? Yoba ari ikibi kiri mu muntu canke ni ikiremwa gifise ubwenge kitaboneka? Nimba ari ikiremwa, yoba yokugeramira? Nimba yokugeramira, wokwikingira gute?