Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI MUNYONYO 2014

 IKIYAGO ICABONA CA YEHOVA AGIRANA N’UWO ABWIRA INKURU NZIZA

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari? (Igice ca 2)

Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari? (Igice ca 2)

Ibikurikira birerekana ingene ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza gishobora kuba kimeze. Reka dufate ko Icabona ca Yehova umwe twise Karoli yagarutse kuyaga n’umugabo twise Yohani.

INCAMAKE Y’INDOTO YA NEBUKADINEZARI

Karoli: Ndaryohewe kuba nsubiye kukubona, Yoha. Nama mpimbarwa no kuganira nawe buri ndwi ibijanye na Bibiliya. * Amakuru y’imisi?

Yohani: Emwe, ni amahoro.

Karoli: Ni vyiza. Igihe duheruka kubonana, twayaze ku bijanye n’igituma Ivyabona vya Yehova bavuga ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914. * Nk’uko twabibonye, kimwe mu bintu nyamukuru bafatirako ni ivyari vyaravuzwe muri Bibiliya, muri Daniyeli ikigabane ca 4. Uribuka ibihavugwa?

Yohani: Havuga ivy’indoto Umwami Nebukadinezari yarose yerekeye igiti kinini.

Karoli: Egome. Muri iyo ndoto, Nebukadinezari yabonye igiti amahero cagera kw’ijuru. Yaciye yumva umumarayika w’Imana atanga itegeko ry’uko ico giti cicirwa, ariko igishitsi caco ntikirandurwe. Ico giti cosubiye gukura haciye “ibihe indwi.” * Twarabonye kandi ivyerekana ko iyo ndoto yarangutse mu buryo bubiri. Woba wibuka ingene yarangutse ubwa mbere?

Yohani: Ntihenze, umengo ubwa mbere yarangukiye kuri Nebukadinezari? Yaramaze imyaka indwi ari umusazi.

Karoli: Ntiwihenze. Uwo mwami yaramaze igihe ari umusazi, akaba ari co gituma ubutegetsi bwiwe bwamaze igihe buhagaze. Ariko mw’iranguka rihambaye cane ry’iyo ndoto, twabonye ko ubutegetsi bw’Imana bwomaze ibihe indwi budaserukirwa kw’isi. Twarabonye ko ivyo bihe indwi vyatanguye igihe Yeruzalemu yatikizwa mu 607 Imbere ya Kristu. Kuva ico gihe, kw’isi nta bami bari bagiserukira Yehova Imana mu kuganza abasavyi biwe. Ariko ivyo bihe indwi birangiye, Imana yogenye uwundi Mwami yoganje abasavyi bayo ari mw’ijuru. Mu yandi majambo, Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bwotanguye kuganza ivyo bihe indwi birangiye. Twarabonye igihe ivyo bihe indwi vyatangura. Dushoboye rero kumenya ikiringo ivyo bihe indwi vyamaze, twoca tumenya igihe Ubwami bw’Imana bwatangura kuganza mw’ijuru. Gushika aha turi kumwe?

Yohani: Emwe, turi kumwe. Urakoze kunyibutsa ivyo twayaze.

Karoli: Sawa, reka tujeko rero turabe ikiringo ivyo bihe indwi vyamaze. Naragize ubushakashatsi kuri iki kibazo kugira niyibutse gatoyi ibintu nyamukuru. Reka ngerageze kubigusigurira.

Yohani: Ndaguteze yompi.

 IBIHE INDWI BIRANGIRA, IMISI YA NYUMA IGATANGURA

Karoli: Mw’iranguka rya mbere ry’iyo ndoto ya Nebukadinezari, ivyo bihe indwi biboneka ko vyamaze imyaka indwi. Ariko mw’iranguka rihambaye cane ryerekeye Ubwami bw’Imana, ivyo bihe indwi bitegerezwa kuba vyaramaze ikiringo kirekire gusumba.

Yohani: Tuvyemezwa n’iki?

Karoli: Uribuka ko ivyo bihe indwi vyatanguye igihe Yeruzalemu yatikizwa mu 607 Imbere ya Kristu. Duhereye kuri uwo mwaka tugaharura imyaka indwi, duca dushika ku mwaka wa 600 Imbere ya Kristu. Ariko muri uwo mwaka, nta kintu gihambaye cabaye gifitaniye isano n’ubutegetsi bw’Imana. Ariko kandi, igihe Yezu yari kw’isi, hakaba hari haciye ibinjana bitari bike, yarerekanye yuko ivyo bihe indwi bitari bwarangire. Uravyibuka?

Yohani: Ego, nciye ndavyibuka.

Karoli: Vya bihe indwi rero si imyaka indwi isanzwe. Ahubwo bitegerezwa kuba ari ikiringo kirekire gusumba.

Yohani: None ico kiringo kingana gute?

Karoli: Igitabu c’Ivyahishuwe, igifitaniye isano cane n’ica Daniyeli, kiradufasha kumenya neza na neza ikiringo ivyo bihe indwi vyamaze. Kiravuga ikiringo c’ibihe bitatu n’igice kingana n’imisi 1.260. * Kubera ko ibihe indwi ari ibihe bitatu n’igice kugwiza kabiri, uca wumva ko ibihe indwi bingana n’imisi 2.520. Turacari kumwe?

Yohani: Emwe, turacari kumwe. Ariko simbona ingene ivyo vyerekana ko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mu 1914.

Karoli: Sawa, reka turabe isano bifitaniye. Mu bintu menyeshakazoza vyo muri Bibiliya, hari igihe umusi ugereranya umwaka. * Dufashe ko umusi ugereranya umwaka, ivyo bihe ndwi bica bingana n’imyaka 2.520. Duhereye ku mwaka wa 607 Imbere ya Kristu tugaharura imyaka 2.520, bidushikana ku mwaka wa 1914. * Ivyo ni vyo bitwereka ko ivyo bihe ndwi vyarangiye mu 1914, ari na ho Yezu yatanguriye kuba Umwami w’Ubwami bw’Imana. Kandi ico womenya ni uko kuva mu 1914, hari ibintu bikomeye vyabaye kw’isi, Bibiliya ikaba yari yaravuze ko vyoranze imisi ya nyuma.

Yohani: Ni ibintu nyabaki vyabaye?

Karoli: Muri Matayo 24:7, Yezu yaravuze ivyobaye atanguye kuganza ari mw’ijuru. Yavuze ati: “Ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami [buhagurukire] ubundi bwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, biva hamwe bija ahandi.” Urabona ko Yezu yavuze ko ico gihe hobaye amapfa na vya nyamugigima. Ivyago nk’ivyo vyarasinzikaje isi mu myaka ijana iheze, ndabeshe?

Yohani: Ntubeshe.

Karoli: Muri uwo murongo nyene, Yezu yaravuze ko hobaye intambara mu kiringo yobaye ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe na co caravuze ko mu misi ya nyuma hatobaye intambara mu duce tumwetumwe gusa tw’isi, ahubwo ko hobaye intambara zogize ingaruka kw’isi yose. * Woba wibuka igihe intambara ya mbere y’isi yose yatangura?

 Yohani: Yatanguye mu 1914, wa mwaka nyene muvuga ko Yezu yatangura kuganza! Uzi ko ntari bwigere mbona isano bifitaniye?

Karoli: Igihe turavye ivyo Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’ibihe indwi, tukabigereranya n’ibindi yari yaravuze ku bijanye n’imisi ya nyuma, duca tubona neza isano bifitaniye. Ivyabona vya Yehova bemera badakeka yuko Yezu yatanguye kuba Umwami w’Ubwami bw’Imana mu 1914 kandi ko imisi ya nyuma yatanguye muri uwo mwaka nyene. *

Yohani: Aho ubona, ndacariko ndagerageza gutahura neza ivyo vyose.

Karoli: Ndagutahura, Yoha. Nk’uko nabikubwiye wa musi, naje vyansavye igihe kugira ndabitahure neza. Ariko nibaza ko n’imiburiburi watahuye yuko naho umwaka wa 1914 utanditse muri Bibiliya, Ivyabona vya Yehova bavuga uwo mwaka bishimikije Bibiliya.

Yohani: Emwe, ni co gituma ndabemera. Ivyo mwigisha vyose, murerekana aho biri muri Bibiliya. Ntimuvuga ivyo mwiyumviriye gusa. Ariko rero, ndiko ndibaza igituma ivy’iki kibazo twayaze bitoroshe gutahura. Kubera iki none Imana itadomyeko muri Bibiliya yuko mu 1914 ari ho Yezu yotanguye kuganza ari mw’ijuru?

Karoli: Ubajije ikibazo ciza, Yoha. Hari ibintu vyinshi Bibiliya ivuga itadomako. Ni co gituma umuntu ashobora kwibaza ati: ‘Kubera iki Imana yashimye ko Bibiliya yandikwa mu buryo busaba ko abantu bagira akigoro kugira bayitahure?’ Reka tuze tubiyage ikindi gihe.

Yohani: Vyompimbara.

Hoba hariho ikibazo umaze kwibaza kijanye na Bibiliya? Woba wipfuza kumenya ivyo Ivyabona vya Yehova bemera canke ivyo bakora mu bijanye no gusenga? Nimba ari ukwo biri, ntuze witinye kubaza Icabona ca Yehova. Azohimbarwa no kuyaga nawe ku bibazo nk’ivyo.

^ par. 5 Ivyabona vya Yehova baragendera abantu bakabafasha kwiga Bibiliya ku buntu. Kenshi baza baraganira na bo ku kibazo kanaka gishingiye kuri Bibiliya.

^ par. 7 Raba ikiganiro kivuga ngo “Ikiyago Icabona ca Yehova agirana n’uwo abwira inkuru nziza—Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza ryari?—Igice ca 1” mu nomero yo ku wa 1 Gitugutu 2014 y’iki kinyamakuru.

^ par. 24 Raba igicapo kivuga ngo “Indoto ya Nebukadinezari yerekeye igiti.”

Raba n'ibindi

1914: Bibiliya ihishura iki ku bijanye n’uwo mwaka?

Ubuhanuzi bujanye n’“ibihe ndwi” buvugwa muri Daniyeli ikigabane ca 4 budoma ku gihe kitoroshe c’ubutegetsi bw’abantu.

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Raba ukuntu ivyo abantu badukikuje bakora be n’ingeso zabo vyerekana ko ubu turi mu “misi ya nyuma” Bibiliya yari yaravuze.