UMUNARA W’INDERETSI Ruhuhuma 2014 | Intambara yahinduye isi
Kubera iki intambara ya mbere y’isi yose yahinduye isi rwose? Inyishu z’ivyo bibazo zihishura iki ku bijanye na kazoza kacu?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Intambara yahinduye isi
Ni gute intambara ya mbere y’isi yose, iyitwa kandi “Intambara ikomeye”, yahinduye isi mu buryo bugira ico bukoze ku bayibako no muri iki gihe?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Ni nde vy’ukuri ateza intambara n’imibabaro?
Bibiliya yerekana gute isano riri hagati y’intambara yabaye mw’ijuru n’intambara y’isi yose be n’ivyago biri kw’isi?
BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA
Umuhango w’uko isi izohinduka Iparadizo warahinduye ubuzima bwanje!
Ivars Vigulis yashira imbere mu buzima bwiwe ivyo gusiganwa ku mapikipiki vyatuma avugangwa, ahabwa icubahiro kandi vyaramuryohera. None ukuri kwo muri Bibiliya kwagize ico gukoze gute ku buzima bwiwe?
Wari ubizi?
Umubazibazi bakoresha mu bihe vya Bibiliya ni iki? Ni amashikanwa ayahe yemerwa ku rusengero rw’i Yeruzalemu?
IBIBAZO VY'ABASOMYI
Kubera iki Imana ireka abafise ububasha bagahahaza abantu batobato?
Bibiliya irasigura ico Imana iriko irakora ku bijanye n’agahahazo muri iki gihe be n’ivyo izokora muri kazoza.
NIWIGANE UKWIZERA KWABO
Yarihanganiye akarenganyo
Vyoba bimaze gushika ukarenganywa? Woba wipfuza kubona Imana ibitunganije? Raba ingene wokwigana ukwizera kwa Eliya.
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Hoba hari ivyemeza ko Bibiliya yavuye ku Mana? Yanditswe gute?
Ibindi usanga kuri internet
Kubera iki bigoye cane kuronka amahoro kw’isi?
Utwigoro abantu bagize two kuzana amahoro kw’isi nta co twavuyemwo. Rimbura imvo zitari nke zabitumye.

