Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

Umunara w’Inderetsi  |  Ruhuhuma 2014

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Umubazibazi bakoresha mu bihe vya Bibiliya ni iki?

Umubazibazi wava mu giti citwa bois d’aigle

Bibiliya ivuga yuko umubazibazi wakoreshwa mu bijanye no kumotesha impuzu be n’igitanda. (Zaburi 45:8; Imigani 7:17; Indirimbo ya Salomo 4:14) Umubazibazi uvugwa muri Bibiliya biboneka ko wava mu giti citwa bois d’aigle (co mu bwoko bwitwa Aquilaria). Igihe ikigegene c’ico giti kiriko kirabora, kiravamwo ibintu bimota bimeze nk’amavuta be n’ibintu bifata nk’uburembo. Ico giti carajanjagurwa kikaba ifu, iyo fu akaba ari wo “mubazibazi” baca bagurisha.

Amahema ya Isirayeli Bibiliya iyagereranya n’ “ibiterwa vy’imibazibazi Yehova yateye.” (Guharūra 24:5, 6) Ayo majambo ashobora kuba yerekeza ku kuntu ico giti kimeze, igishobora gukura gushika ku metero nka 30 kigaca gisanza amashami. Naho ico giti kitaboneka muri Israyeli y’ubu, kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya (A Dictionary of the Bible) ivuga yuko “ata cobuza umuntu kwiyumvira yuko ico giti be n’ibindi bitazwi ubu muri [ako karere], vyahora birimwa mu Mwonga wa Yorodani wabamwo abantu benshi kandi wari utunze.”

Ni amashikanwa bwoko ki yemerwa ku rusengero rw’i Yeruzalemu?

Iki kidodo c’ibumba co ku rusengero rw’i yeruzalemu kimaze imyaka nka 2.000

Itegeko ry’Imana ryasaba ko ibimazi vyose vyatangwa ku rusengero biba vyiza gusumba ibindi vyose umuntu yaba afise. Imana ntiyashobora kwemera ibimazi bifise akanenge. (Kuvayo 23:19; Abalewi 22:21-24) Nk’uko bivugwa na Filo, umwanditsi w’Umuyuda wo mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, ico gihe abaherezi barasuzuma ibitungwa “kuva ku mutwe gushika ku binono” kugira ngo barabe neza ko ata kanenge na kamwe bifise, ko “bitagira agatosi canke agahonzi ako ari ko kose.”

Umuhinga umwe yitwa E. P. Sanders avuga yuko bishoboka ko abakorera ku rusengero “baha abantu b’abizigirwa badandaza ibitungwa vyo gutangako ibimazi uburenganzira bwo kugurisha gusa ibitungwa canke inyoni vyaba vyabanje gusuzumwa n’abaherezi. Uwo mudandaza rero yategerezwa guha uwamuguriye igitungwa icemezo cerekana ko nya gitungwa kitagira akanenge.”

Mu 2011, abacukuzi b’ivya kera barubuye mwene ico cemezo mu micungararo y’ahahoze urusengero, na co kikaba ari ikidodo c’ibumba kingana n’ikingorongoro. Ico kidodo ni ico hagati y’ikinjana ca mbere Imbere ya Kristu n’umwaka wa 70 Inyuma ya Kristu. Amajambo abiri yo mu giharameya ari kuri ico kidodo yasobanuwe ngo “Kiratyoroye ku Mana.” Vyiyumvirwa yuko abakuru bo ku rusengero baca bafata ico cemezo bakagishira ku bintu vyatangwako ishikanwa ku rusengero canke ku bitungwa vyo gutangako ibimazi.