Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwironse ivyo ukeneye mu vy’Imana

Niwironse ivyo ukeneye mu vy’Imana

Ikintu ca 5

Niwironse ivyo ukeneye mu vy’Imana

BIBILIYA YIGISHA IKI? “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu,” ni ukuvuga ivy’Imana.​—Matayo 5:3.

KUBERA IKI BITOROSHE? Hari amadini ibihumbi atandukanye, menshi muri yo akaba adahuza mu vyo yigisha ku bijanye n’uburyo wokwironsa ivyo ukeneye mu vy’Imana. None womenya gute idini ryigisha ukuri rikongera rigahimbara Imana vy’ukuri? Abanditsi bakomakomeye bamwebamwe bemeza yuko ngo kwemera Imana no kuyihebera bitarimwo ubwenge, ko mbere bigirira nabi umuntu. Ikinyamakuru kimwe (Maclean’s) kiravuga muri make ivyiyumviro vy’umuhakanamana umwe akomeye cane giti: “Iyo nyigisho ya gikirisu y’uko hariho ikintu kirengeye siyansi kikarengera n’ivyo dushobora kwumva, kubona canke gukorakora . . . iratesha agaciro ubuzima budashumbushwa dufise ikongera igatuma tugira agatima ko gukora ivy’ubukazi.”

WOKORA IKI? Nusuzume ibimenyamenya vyemeza ko Imana ibaho. (Abaroma 1:20; Abaheburayo 3:4) Ntiwemere ko hagira n’umwe aguca intege ngo nturondere inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi: Kubera iki turi ng’aha kw’isi? Hoba hariho ubuzima inyuma y’ugupfa? Kubera iki hari imibabaro myinshi gutya? Ni ibiki Imana insaba gukora? Kuronka inyishu zimara akanyota z’ivyo bibazo ni ntahara kugira ngo wame ushima uko ivyawe vyifashe.

Ariko rero, ntupfe kwemera ivyo abandi bakubwira. Ijambo ry’Imana rikuremesha gukoresha “ububasha bwa[we] bwo kwiyumvira” kugira ngo wiyemeze neza ivyo Imana yemera. (Abaroma 12:1, 2) Ntuzosanga waruhiye ubusa. Niwafata umwanya ukiga Bibiliya ukongera ugashira mu ngiro impanuro z’ingirakamaro itanga, bizogufasha kwirinda ingorane, bitume amaganya agabanuka, bitume kandi urushiriza kuryohererwa ubuzima. Ivyo ntugire ngo ni indoto gusa. Abantu amamiliyoni bo mu mice yose y’ubuzima barize ukuri kwerekeye Imana n’imigambi yayo barahungukira. Nk’akarorero, nusome inkuru z’ivyabaye koko ziri ku rupapuro rwa 18 gushika ku rwa 21 muri iki kinyamakuru.

Uko uzorushiriza kwibonera ivyiza biva ku gushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya, ni ko uzorushiriza kwihebera Imana. Ubona gute wemeye ubutumire bwo kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova? Niwabigira, hari aho wosanga wiboneye ko intumwa Paulo yavuze ukuri igihe yandika ati: “Ukwo kwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira [canke, “ugushima uko ivyawe vyifashe”], ni uburyo bwo kuronka inyungu ikomeye.”​—1 Timoteyo 6:6.

[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 8]

Niwiyemeze neza ivyo Imana yemera