Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Hoba vy’ukuri hari abanyabwenge batatu baje kuraba akana Yezu?

Hoba vy’ukuri hari abanyabwenge batatu baje kuraba akana Yezu?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Hoba vy’ukuri hari abanyabwenge batatu baje kuraba akana Yezu?

Inkuru zerekeye Noweli ziganwa hirya no hino kw’isi zivuga yuko hari abami, canke abanyabwenge batatu, bazaniye akana Yezu ingabirano z’igiciro. None iyo nkuru yoba ari iy’ukuri? Yoba ihuje n’ibintu vyabaye koko? Reka tubirabe.

Injili zibiri, ni ukuvuga iya Matayo n’iya Luka, zirigana ivyagiye biraba ku bijanye n’ivuka rya Yezu. Izo nkuru zerekana ko abungere baciye bugufi bonyene bari bavuye mu matongo yo mu micungararo ari bo baje kuraba Yezu igihe yavuka. Abo bitwa ngo ni abami, canke abanyabwenge, mu vy’ukuri bari abantu baragurira ku nyenyeri, ntibari abami, kandi ntibavugwa igitigiri. Abo baragurira ku nyenyeri ntibaje kuraba Yezu igihe yari uruyoya ari mu bwato bw’ibitungwa, ahubwo bashitse igihe yari amaze kuba umwana akuze gatoyi kandi yaba mu nzu. Ukuba bari ng’aho mbere vyarashize mu kaga ubuzima bwa Yezu!

Niwitegereze witonze inkuru yerekeye ivuka rya Yezu yiganwa n’umwanditsi wa Bibiliya Luka, usanga ivuga iti: “Hari abungere baba hanze bateramiye amasho yabo mw’ijoro. Hanyuma buno nyene umumarayika wa Yehova ahagarara iruhande yabo, maze . . . ababwira ati: ‘. . . Murabona uruyoya ruzingiriye mu dutambara, ruryamye mu bwato bw’ibitungwa’ . . . Nuko bagenda bihuta, hanyuma babona Mariya hamwe na Yozefu, na rwa ruyoya ruryamye mu bwato bw’ibitungwa.”​—Luka 2:8-16.

Yozefu, Mariya be n’abo bungere ni bo bonyene bari kumwe na Yezu ico gihe yari akiri akayoya. Nta wundi muntu avugwa muri iyo nkuru ya Luka.

Ubu na ho rimbura inkuru ivugwa muri Matayo 2:1-11, nk’uko yanditswe muri Bibiliya Yera. Igira iti: “Yesu amaze kuvukira i Betelehemu mu gihugu c’i Yudaya ku ngoma y’umwami Herode, haza abanyabgenge bavuye i burasirazuba, baja i Yerusalemu. . . . Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe.”

Urabona ko iyo nkuru ivuga gusa “abanyabgenge,” atari “abanyabgenge batatu,” be n’uko babanje kugira urugendo bava i Burasirazuba baja i Yeruzalemu, batari bagiye mu gisagara Yezu yavukiyemwo ari co Betelehemu. Igihe amaherezo bashika i Betelehemu, Yezu yari “umwana,” ntiyari akiri uruyoya kandi ntiyari akiri mu ruhongore, ahubwo yari mu nzu.

N’ikindi kandi, naho Bibiliya Yera ikoresha ijambo “abanyabgenge” mu kudondora izo ngenzi, izindi Bibiliya zikoresha ijambo “Abamajusi” canke “abaragurira ku nyenyeri.” Nk’uko igitabu kimwe (A Handbook on the Gospel of Matthew) kibivuga, ijambo “abanyabgenge” rihinduwe rikuwe “mw’izina ry’ikigiriki mu ntango ryerekeza ku baherezi b’Abaperesi bari abahinga mu vyo kuragurira ku nyenyeri.” Igitabu kimwe c’inyizamvugo (The Expanded Vine’s Expository Dictionary of New Testament Words) na co kivuga ko iryo jambo risigura “umunyamareba, umupfumu, umuntu avuga ko afise ububasha mu vya maji, umwigisha w’ivy’ubupfumu.”

Naho kuragurira ku nyenyeri be n’ubupfumu bikigirwa n’abantu benshi muri kino gihe, Bibiliya iratanga ingabisho ku bijanye n’ukubikoresha. (Yesaya 47:13-15) Ubwo ni ubwoko bw’ubupfumu kandi ni imigenzo Yehova Imana yanka urunuka. (Gusubira mu vyagezwe 18:10-12) Ni co gituma ata mumarayika w’Imana yamenyesheje abo baragurira ku nyenyeri ibijanye n’ivuka rya Yezu. Ariko rero, kubera yuko Imana yagize ico ikoze biciye ku vyo barose, baragabishijwe ngo ntibasubire ku Mwami Herodi kumumenyesha ivyo yari yabatumye, kuko yarondera kwica Yezu. Ni co gituma “bac[iye] bavayo baja mu gihugu iwabo baciye mu yindi nzira.”​—Matayo 2:11-16.

None abakirisu b’ukuri boba boshima gukwiragiza inkuru ijanye n’ivuka rya Yezu igoreka ukuri kujanye n’ingene ivuka ryiwe ryagenze? Nta gukeka ko inyishu ari oya.