Igihe Yehova yidondora
Niwiyegereze Imana
Igihe Yehova yidondora
WODONDORA Imana gute, ni ukuvuga kamere zayo be n’ukuntu ikora ibintu mu buryo butandukanye? Niwiyumvire nka hamwe wobaza Imana ibiyerekeye maze ugatega yompi igihe iriko iradondora kamere zayo bwite. Umuhanuzi Musa yarashikiwe n’ibintu nk’ivyo nyene. Igishimishije, yarahumekewe kwandika ivyabaye ico gihe.
Igihe Musa yari ku Musozi Sinayi, yaratakambiye Yehova ati: “Ndakwinginze, nyereka ubgiza bgawe.” (Kuvayo 33:18) Ku musi ukurikira, uwo muhanuzi yaratewe agateka ko kubona agasunwa k’ubuninahazwa bw’Imana. a Musa ntiyadondoye mu buryo bw’ido n’ido ivyo yabonye muri iryo yerekwa ryiza utoraba. Ahubwo yanditse ibintu bihambaye kuruta, ni ukuvuga ivyo Imana yavuze. Reka turimbure ivyo Yehova yavuze, nk’uko tubisanga muri Kuvayo 34:6, 7.
Ikintu ca mbere Yehova ahishura ku bimwerekeye ni uko ari “Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu.” (Umurongo wa 6) Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “imbabazi” ryerekeza ku “kibabarwe [c’Imana], nka kimwe umuvyeyi agirira umwana wiwe.” Ijambo ryahinduwe ngo “ubuntu” ryerekeza ku rivuga “ridondora umuntu avyurirwa umutima wo gufasha uwuri n’ico akeneye.” Mu vy’ukuri, Yehova aripfuza ko tumenya yuko yitwararika abamusenga nka kurya nyene abavyeyi bitwararika abana babo babigiranye urukundo rurangwa ikibabarwe be n’ukwitwararika bimwe bigera kure ivyo bakeneye.—Zaburi 103:8, 13.
Ubukurikira, Yehova aca avuga ko ‘ateba kuraka.’ (Umurongo wa 6) Ntapfa gushavurira abasavyi biwe bo kw’isi. Ahubwo, arabihanganira, akirengagiza amakosa yabo gutyo akaba abahaye akaryo ko guhindura ingendo yabo irangwa icaha.—2 Petero 3:9.
Imana ibandanya ivuga ko “igwije umutima mwiza n’ukuri.” (Umurongo wa 6, NW) Umutima mwiza canke urukundo rudahemuka, ni kamere y’agaciro ituma Yehova agiranira n’abasavyi biwe ubucuti bukomeye kandi budahera. (Gusubira mu vyagezwe 7:9) Yehova kandi ni isôko ry’ukuri. Ntashobora kubesha canke kubeshwa. Kubera yuko ari “Imana y’inyakuri,” turashobora kwizera ibintu vyose avuga, ushizemwo n’imihango yatanze yerekeye kazoza.—Zaburi 31:5, NW.
Ukundi kuri guhambaye Yehova ashaka ko tumenya ku bimwerekeye ni uko aharira “ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha.” (Umurongo wa 7) “[A]gabirije guharira” abacumuzi bigaye. (Zaburi 86:5) Naho ari ukwo, Yehova ntarenza uruho rw’amazi ku bibi. Asigura yuko ‘atazogenda akuye igihano ku muntu.’ (Umurongo wa 7, NW) Imana nyeranda kandi igororotse ntizogenda idahanye abacumura n’ibigirankana. Bitebe bitebuke, ingaruka z’ingendo yabo irangwa icaha zizobagarukako.
Ukuntu Yehova yadondoye kamere ziwe ni ikimenyamenya gitomoye cerekana yuko ashaka ko tumumenya tukanamenya neza kamere ziwe be n’ukuntu akora ibintu mu buryo butandukanye. Wumva none utavyuriwe umutima wo kurondera kwiga vyinshi ku bijanye na kamere ziwe nziza igitangaza?
[Akajambo k’epfo]
a Musa ntiyabonye Yehova amaso mu yandi, kuko ata muntu yobona Imana ngo abeho. (Kuvayo 33:20) Bigaragara ko Yehova yeretse Musa ubuninahazwa bwiwe, akaba yavuganye na we biciye ku mumarayika yamuserukira.