UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Myandagaro 2015

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 28 Nyakanga gushika ku wa 25 Gitugutu 2015.

INKURU Y’UBUZIMA

“Ya mazinga menshi nanezerwe”

Nusome inkuru y’ubuzima ya Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi.

Tuzirikane ku rukundo rwa Yehova rudahera

Ushobora gute kujijuka ko Yehova ari kumwe nawe mbere no mu bihe bigoye?

Tugume turindiriye!

Turafise imvo zibiri zikomeye zituma turikanura cane kw’iherezo ry’ivy’iyi si.

Twitegurire muri iki gihe ubuzima bwo mw’isi nshasha

Abasavyi b’Imana barafise vyinshi bahuriyeko n’abategekanya kwimukira mu kindi gihugu.

Tube maso ku bo twifatanya muri iyi misi ya nyuma

Abo twifatanya si barya gusa tumarana umwanya.

Ni ibiki twokwigira kuri Yohana?

Ni gute yabwirijwe kugira ivyo bahinduye mu buzima bwiwe bwa misi yose kugira ngo akurikire Yezu?

IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Yehova yabazanye mu Bufaransa kugira mumenye ukuri”

Amasezerano leta y’Ubufaransa yaragiraniye na leta ya Polonye mu 1919 yaravuyemwo ibintu bitari vyitezwe.