Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) MYANDAGARO 2015

 IVYO MU BUSHINGURO BWACU

“Yehova yabazanye mu Bufaransa kugira mumenye ukuri”

“Yehova yabazanye mu Bufaransa kugira mumenye ukuri”

ANTOINE SKALECKI akiri agahungu, yari afise ifarasi bamana. Ari kumwe na yo yaragenda bukebuke aca mu mabarabara yo mu kuzimu atagiramwo umuco ukwiye, atwaye imizigo y’ibizuku avanye mw’icukuriro ryari ku metero 500 mu kuzimu. Se wa Antoine yarakomerekeye cane mw’icukuriro ryabaguyeko, bituma umuryango ubwirizwa kurungika Antoine kuza aramara amasaha icenda ku musi akora igikorwa kiruhije co kwimba ibizuku. Igihe kimwe, Antoine yarahatswe gupfira mu runogo.

Ibikoresho abacukuzi b’Abanyapolonye bakoresha be n’icukuriro ryari i Dechy hafi y’i Sin-le-Noble, aho Antoine Skalecki yakorera

Antoine yari umwe mu bana benshi bavukiye mu Bufaransa bavyawe n’Abanyapolonye mu myaka ya 1920 na 1930. Ni kubera iki none inyambukira z’Abanyapolonye zaja mu Bufaransa? Igihe Polonye yikukira inyuma y’Intambara ya mbere y’isi yose, harabaye ingorane ikomeye ijanye n’igwirirana ry’abantu. Ku rundi ruhande, Ubufaransa bwari bwarabuze abantu barenga umuliyoni bahitanywe n’intambara kandi bwari bukeneye cane abantu bimba ibizuku. Ni co gituma muri Nyakanga 1919, leta y’Ubufaransa yaciye igiranira na leta ya Polonye amasezerano y’uko Abanyapolonye bashobora kwimukira mu Bufaransa. Mu 1931, mu Bufaransa hari hasigaye haba Abanyapolonye 507.800, benshi bakaba baba mu turere twarimwo amacukuriro amaja mu buraruko.

Abo Banyapolonye b’abanyamwete baje bazanye imico kama yabo, ushizemwo n’ivyo gukunda cane idini. Antoine, ubu akaba afise imyaka 90, yigana ati: “Sokuru Joseph yaravugana icubahiro cinshi Ivyanditswe Vyeranda se wiwe yari yaramwinjijemwo.” Imisi yose ku wa mungu, abo mu miryango y’Abanyapolonye bakora mu macukuriro wasanga bambara impuzu nziza bagiye gusenga, nk’uko nyene babigira bakiri mu gihugu cabo. Ivyo vyarasuzugurwa cane n’Abafaransa bamwebamwe bari baratwawe n’ivy’isi.

Mu karere kitwa Nord-Pas-de-Calais ni ho Abanyapolonye benshi batanguriye kubonanira n’Abatohoji ba Bibiliya, bano bakaba bari bamaze igihe bamamaza n’umwete muri ako karere kuva mu 1904. Mu 1915, Umunara w’Inderetsi waratanguye gucapurwa buri kwezi mu gipolonye, ikinyamakuru Ikiringo c’agakura (icitwa ubu Be maso!) na co kiboneka muri urwo rurimi mu 1925. Imiryango myinshi yarashimishwa cane n’ivyiyumviro bishingiye ku Vyanditswe biri muri ivyo binyamakuru be n’igitabu Inanga y’Imana mu gipolonye.

Umuryango wa ba Antoine wamenyanye n’Abatohoji ba Bibiliya biciye kuri inarume yatanguye kwitaba amakoraniro mu 1924. Muri uwo mwaka nyene, Abatohoji ba Bibiliya baragiriye iteraniro ryabo  rya mbere mu gipolonye i Bruay-en-Artois. Hataraca n’ukwezi, uwaje aserukira icicaro gikuru Joseph F. Rutherford yarahagarikiye iteraniro muri ico gisagara nyene ryitabwe n’abantu 2.000. Umuvukanyi Rutherford yarakozwe ku mutima n’igitigiri kinini c’Abanyapolonye bari baryitavye, aca avuga ati: “Yehova yabazanye mu Bufaransa kugira mumenye ukuri. Ubu rero mwe n’abana banyu mutegerezwa gufasha Abafaransa! Haracariho igikorwa amahero co kwamamaza, kandi Yehova azohagurutsa abamamaji kugira bakirangure.”

Emwe, ivyo nyene ni vyo Yehova Imana yakoze! Uko abo bakirisu b’Abanyapolonye bakorana umwete mu macukuriro, ni na ko wasanga bamamaza n’umutima wabo wose! Nkako, bamwe muri bo barasubiye muri Polonye kugira babwire abandi ukuri kw’agaciro bari barize. Teofil Piaskowski, Szczepan Kosiak na Jan Zabuda bari muri abo bavuye mu Bufaransa kugira baje gukwiragiza inkuru nziza hirya no hino mu turere twagutse two muri Polonye.

Mugabo abamamaji benshi bavuga igipolonye baragumye mu Bufaransa maze babandanya kwamamaza n’umwete, bifatanije n’abavukanyi be na bashiki babo b’Abafaransa. Kw’iteraniro rya bose ryabereye i Sin-le-Noble mu 1926, abantu 1.000 bakurikiye porogarama mu gipolonye, 300 na bo bayikurikira mu gifaransa. Igitabu c’umwaka 1929 cavuze giti: “Muri uwo mwaka, abavukanyi b’Abanyapolonye 332 bariyeguriye Yehova barabatizwa.” Imbere y’uko Intambara ya kabiri y’isi yose yaduka, mu mashengero 84 yari mu Bufaransa, 32 yakoresha igipolonye.

Ivyabona b’Abanyapolonye baba mu Bufaransa bagiye kw’ihwaniro. Ico capa canditseko ngo “Ivyabona vya Yehova”

Mu 1947, Ivyabona vya Yehova benshi baritabiriye akamo leta ya Polonye yabateye ko gusubira mu gihugu cabo. Ariko rero n’inyuma y’aho bagiriye, ivyavuye mu twigoro twabo be n’utw’abo basangiye ukwemera b’Abafaransa vyaragaragariye mu kuntu abamamaji b’Ubwami bongerekanye ibice 10 kw’icana muri uwo mwaka. Mu 1948 bongerekanye ibice 20 kw’ijana, mu 1949 bongerekana ibice 23 kw’ijana, mu 1950 hoho bongerekana ibice 40 kw’ijana! Kugira ngo ibiro vy’ishami bifashe kumenyereza abo bamamaji bashasha, vyaragenye abacungezi b’imizunguruko ba mbere mu 1948. Mu bacungezi batanu bacaguwe, bane bari Abanyapolonye, Antoine Skalecki akaba yari umwe muri bo.

Ivyabona vya Yehova benshi bo mu Bufaransa baracitwa amazina y’amatazirano y’igipolonye ya basekuruza babo, abakoze bagatama mu macukuriro no mu busuku bwo mu ndimiro. No muri iki gihe, abimukira benshi bariko bariga ukuri mu Bufaransa. Abamamaji bava mu bindi bihugu, baba abasubiye mu bihugu vyabo canke abagumye mu Bufaransa, bariko barigana akarorero basigiwe n’abamamaji b’Ubwami b’Abanyapolonye.—Ivyo mu bushinguro bwacu mu Bufaransa.