UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Gitugutu 2014
Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 1 gushika ku wa 28 Kigarama 2014.
Baritanze babikunze muri Tayiwani
Ivyabona vya Yehova barenga 100 barimukiye aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta. Niwirabire ivyo biboneye maze umenye ivyabafashije kuroranirwa.
Niwizere Ubwami utanyiganyiga
Yehova yarakoresheje urukurikirane rw’amasezerano atandatu kugira yemeze ko Ubwami bwiwe buzoshitsa umugambi wiwe. Ayo masezerano adufasha gute gukomeza ukwizera kwacu?
Muzoba “ubwami bw’abaherezi”
Amasezerano atatu ya nyuma muri ya masezerano atandatu aratuma twizigira Ubwami bw’Imana akongera agatuma tubwira abandi inkuru nziza yabwo.
INKURU Y’UBUZIMA
Ibintu vy’intibagirwa niboneye mu murimo w’Ubwami
Mildred Olson amaze imyaka irenga 75 asukurira Yehova, harimwo n’imyaka hafi 29 yamaze ari umumisiyonari muri Salvador. Ni igiki gituma aguma afise umwete?
Nuhimbarwe n’agateka ufise ko gukorana na Yehova
Ni igiki gituma abasenga Yehova baba bararetse kwiruka inyuma y’inyungu zabo?
“Mugumize imizirikanyi yanyu ku bintu vyo hejuru”
Ni kubera iki abafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera bogumiza imizirikanyi yabo ku bintu vyo mw’ijuru? Bobigira gute?

