Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) GITUGUTU 2014

 INKURU Y’UBUZIMA

Ibintu vy’intibagirwa niboneye mu murimo w’Ubwami

Ibintu vy’intibagirwa niboneye mu murimo w’Ubwami

Mu 1947, abapadiri b’abagatolika b’i Santa Ana muri Salvador, baragerageje kudurumbanya Ivyabona. Igihe abavukanyi bari mu nzu y’abamisiyonari bariko bagira Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi iba buri ndwi, hari abahungu bateye ibibuye babicishije mu muryango wari wuguruye. Haciye haza abantu bari mu myiyerekano barongowe n’abapadiri. Bamwe muri bo bari bafise ibimuri, abandi na bo ibishushanyo. Baramaze amasaha abiri batera amabuye iyo nzu bongera basemerera ngo “Bikira Mariya arakaramba! Yehova aragapfa!” Kwari ugutera ubwoba abo bamisiyonari ngo bave muri ico gisagara. Ivyo ndabizi kuko nari umwe muri abo bamisiyonari, hakaba haciye imyaka 67 bibaye. *

HAGISIGAYE imyaka ibiri ngo ivyo bintu bibe, twe n’uwo twakorana ubumisiyonari yitwa Evelyn Traber twarasohotse Ishure ry’ivya Bibiliya rya Gileyadi mu mugwi ugira kane. Ico gihe ryabera hafi ya Ithaca muri New York. Twarungitswe gukorera i Santa Ana. Ariko imbere y’uko mbandanya kubiganira muri make ibijanye n’imyaka hafi 29 namaze mu murimo w’ubumisiyonari, reka mbanze ndababwire icatumye mpitamwo ico gikorwa.

INGENE UMURYANGO WACU WAMENYE UKURI

Igihe navuka mu 1923, abavyeyi banje John Olson na Eva baba muri Spokane i Washington, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bari mw’idini ry’abaluteri mugabo ntibemera inyigisho y’umuriro udahera, kuko babona ko idahuza n’inyigisho bemera yuko Imana ari urukundo. (1 Yoh. 4:8) Dawe yakora aho bokereza imikate. Umusi umwe mw’ijoro, hari uwo bakorana yamubwiye yuko Bibiliya itigisha ko umuriro udahera ari ikibanza co kubabarizwamwo. Bidatevye, abavyeyi banje baratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova maze baramenya ivyo mu vy’ukuri Bibiliya yigisha ku bijanye n’ingene bigenda iyo umuntu apfuye.

Nari mfise imyaka icenda gusa, ariko ndibuka ukuntu natega yompi abavyeyi banje bariko baravugana  akamwemwe ibijanye n’ukuri kwo muri Bibiliya bari baherutse kwubura. Bararushirije mbere kugira akamwemwe igihe bamenya ko Imana y’ukuri yitwa Yehova, maze ntibasubira kuvurugwa ubwenge n’inyigisho y’Ubutatu. Izo nyigisho nziza igitangaza zo mu Vyanditswe zaratanguye kunyengeteramwo nka kurya amazi anyengetera mw’ipampa, ndamenya ‘ukuri kugira umuntu uwidegemvya.’ (Yoh. 8:32) Sinigeze rero mbona ko inyigisho ya Bibiliya irambira, ahubwo namye ndyoherwa no gusuzuma Ijambo ry’Imana. Naho nari umunyamasoni, narajana n’abavyeyi banje kwamamaza. Babatijwe mu 1934. Mu 1939, narifatanije na bo ndaba umusavyi wa Yehova yabatijwe, nkaba nari mfise imyaka 16.

Ndi kumwe na mawe be na dawe kuri rya teraniro ryabera i St. Louis muri Missouri mu 1941

Mu ci ryo mu 1940, abavyeyi banje baragurishije inzu yabo, maze uko turi batatu turatangura umurimo w’igihe cose turi abatsimvyi ahitwa Coeur d’Alene muri Idaho. Twaba mu nyubakwa dupanze yari hejuru y’aho bakorera imiduga yapfuye, kandi iyo nyubakwa ni yo twagiriramwo amakoraniro. Ico gihe, ni amashengero makeyi yari afise Ingoro z’Ubwami. Abavukanyi rero bakoranira mu mazu y’abantu canke mu nyubakwa bapanze.

Mu 1941, twe n’abavyeyi banje twaritavye iteraniro ryabereye i St. Louis muri Missouri. Ku wa mungu wari “umusi uhariwe abana,” abafise imyaka iri hagati ya 5 na 18 tukaba twari twicaye mu bibanza vy’imbere. Igihe umuvukanyi Joseph Rutherford yariko arasozera insiguro yiwe, yatubwiye ati: “Mwebwe abana . . . mwese . . . mwemeye kugamburukira Imana n’Umwami yagenye, ndabingize muhaguruke!” Twaciye duhagurukira icarimwe. Umuvukanyi Rutherford yaciye avuga ati: “Nimwirabire namwe abandi bantu barenga 15.000 bashingira intahe Ubwami!” Ico kiringo catumye ndushiriza kugira umwiyemezo wo gukora ubutsimvyi ubuzima bwanje bwose.

AHO UMURYANGO WACU WARUNGITSWE GUKORERA

Haciye amezi makeyi iryo teraniro ry’i St. Louis ribaye, umuryango wacu warimukiye mu bumanuko bwa Kaliforniya. Twari twarungitsweyo kugira dutanguze ishengero mu gisagara ca Oxnard. Twaba mw’ikonteneri ntoyi irimwo igitanda kimwe gusa. Buri mugoroba nabwirizwa gusasa ku meza twarirako akaba ari ho ndyama, ivyo bikaba vyari bitandukanye cane n’igihe nari mfise icumba canje.

Gatoyi imbere y’uko dushika muri Kaliforniya, Ubuyapani bwarateye ikivuko citwa Pearl Harbor muri Hawayi ku wa 7 Kigarama 1941. Bukeye bwaho, Leta Zunze Ubumwe za Amerika zarinjiye mu Ntambara ya kabiri y’isi yose. Abategetsi batanze itegeko ry’uko tuza turazimya amatara yose mw’ijoro. Abasoda b’Abayapani barwanira mu mazi bariko barakizura inkengera ya Kaliforniya, uwo mwiza w’umuzitanya ukaba watuma badashobora gutera izinga rikuru.

Haciye amezi makeyi, twaritavye ihwaniro ryataziriwe ngo “Iteraniro rya gitewokarasi ry’isi nshasha” ryabereye i Cleveland muri Ohio, muri Nyakanga 1942. Twarateze yompi igihe umuvukanyi Nathan Knorr yashikiriza insiguro ivuga ngo “Amahoro yoba ashobora kurama?” Yaraciye irya n’ino Ivyahishuwe ikigabane ca 17, ahavuga ibijanye n’ ‘igikoko cariho, mugabo kitakiriho, yamara kikaba kigira kiduge kive mu nyenga.’ (Ivyah. 17:8, 11) Umuvukanyi Knorr yasiguye yuko “ico gikoko” wari wa Muhari w’Amahanga wahagaritse ibikorwa vyawo mu 1939. Bibiliya yari yaravuze yuko uwo Muhari wosubirijwe, bikaba vyotumye haba ikiringo c’agahengwe. Ivyo vyabaye mu 1945, igihe Intambara ya kabiri y’isi yose yarangira. Mu nyuma, ca “gikoko” carasubiriye kuboneka ari Ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ivyabona vya Yehova baciye batangura kwamamaza mu tundi turere twinshi two hirya no hino kw’isi. Ese ukuntu kuva ico gihe habaye iyongerekana rikomeye!

Urupapuro rw’umutsindo naronse nsohotse Ishure rya Gileyadi

 Ubwo buhanuzi bwaramfashije kubona ko hari hakiriho vyinshi vyo gukora. Igihe hatangazwa ko Ishure rya Gileyadi ryotanguye mu mwaka ukurikira, icipfuzo nari mfise co kuba umumisiyonari cararushirije gukomera. Mu 1943, nararungitswe gukora ubutsimvyi i Portland muri Oregon. Ico gihe twakoresha ifono mu kuvugiriza insiguro abanyamuhana turi kw’irembo iwabo. Twaca tubaha ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bivuga ibijanye n’Ubwami bw’Imana. Uwo mwaka wose nagumye niyumvira ibijanye n’umurimo w’ubumisiyonari.

Mu 1944, narahimbawe no kuronka ubutumire bwo kwitaba Ishure rya Gileyadi ndi kumwe n’umugenzi nikundira Evelyn Trabert. Mu mezi atanu iryo Shure ryamaze, abigisha bacu baratweretse ukuntu tworyoherwa no kwiga Bibiliya. Ukwicisha bugufi kwabo kwaradukoze ku mutima. Rimwe na rimwe turiko turafungura, abo bavukanyi ni bo badusereva. Twasohotse iryo Shure ku wa 22 Nzero 1945.

AHO NARUNGITSWE GUKORERA UBUMISIYONARI

Muri Ruheshi 1946, twe na Evelyn turi kumwe na Leo Mahan n’umukenyezi wiwe Esther, twarashitse muri Salvador aho twari twarungitswe gukorera. Twasanze uwo murima ‘weze ugeze kwimbura.’ (Yoh. 4:35) Ivyavuzwe mu ntango y’iyi nkuru birerekana ukuntu abakuru b’idini bari bashangashiwe. Hari haheze indwi imwe tugize iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere i Santa Ana. Twari twatangaje hose ibijanye n’insiguro y’icese kandi twarahimbawe no kubona abantu hafi 500 baritavye iryo teraniro. Aho kugira ubwoba ngo tuve muri ico gisagara, twarushirije nyabuna kugira umwiyemezo wo kugumayo kugira dufashe abantu b’imitima nziraburyarya. Naho abakuru b’idini bari barabujije abantu ngo ntibasome Bibiliya kandi bakeyi akaba ari bo bari bashoboye kuyigura, benshi bari banyotewe ukuri. Barashima utwigoro twagira mu kwiga igisupanyoli kugira tubigishe ivyerekeye Imana y’ukuri Yehova be n’umuhango uhimbaye yatanze wo kugarukana Iparadizo kw’isi.

Jewe n’abandi bane twari kumwe mw’Ishure rya Gileyadi, twarungitswe muri Salvador. Uva ibubamfu uja iburyo: Evelyn Trabert, Millie Brashier, Esther Mahan, jewe na Leo Mahan

Rosa Ascencio ni umwe mu bo natanguye kwigisha Bibiliya. Aho amariye gutangura kwiga Bibiliya, yaratandukanye n’umugabo babana batanditswe. Mu nyuma na we yaratanguye kwiga Bibiliya. Barubakanye biciye mu mategeko, hanyuma barabatizwa maze baba Ivyabona vya Yehova b’abanyamwete. Rosa ni we yabaye umutsimvyi wa mbere w’imvukira i Santa Ana. *

Rosa yari afise akabutike. Igihe yaba agiye mu busuku, yarakugara yizigiye ko Yehova amuronsa ivyo akeneye. Akuguruye inyuma y’amasaha nk’angahe, abakiriya baca bisukira. Yariboneye ukuntu ibivugwa muri Matayo 6:33 ari ivy’ukuri, kandi yagumye ari umwizigirwa gushika apfuye.

Igihe kimwe, umupadiri wo muri ako karere yaraje kuraba umugabo twari dupangiye turi abamisiyonari batandatu, amubwira ko abandanije kudupangisha azoca acibwa muri Ekleziya. Uwo nyene inzu, akaba yari umugwizatunga akomeye, yari yaramaze gushishwa n’inyifato y’abakuru b’idini kandi ntiyatewe ubwoba n’uwo mukazo. Yaranabwiye uwo mupadiri  ko gucibwa ata co bimutwaye. Yaraduhumurije atubwira ko dushobora kwigumira muri iyo nzu igihe cose dushaka.

UMUNYAGIHUGU YUBAHWA ABA ICABONA

Ibiro vy’ishami vyubatswe mu 1955

Ku murwa mukuru San Salvador, uwundi mumisiyonari yarigisha Bibiliya umugore umwe yari afise umugabo w’umuhinga mu vyo kwubaka yitwa Baltasar Perla. Uwo mugabo w’umutima mwiza yari yarahevye kwizera Imana aho amariye kubona uburyarya bw’indongozi z’idini. Igihe hagera kwubaka ibiro vy’ishami, Baltasar yaratunganije imigero y’iyo nyubakwa yongera arayubakisha ku buntu, naho atari bwabe Icabona.

Baltasar amaze kwifatanya n’abasavyi ba Yehova muri ubwo bwubatsi, yarajijutse ko yari yubuye idini ry’ukuri. Yabatijwe ku wa 22 Mukakaro 1955, umugore wiwe Paulina na we abatizwa gatoyi inyuma y’aho. Abana babo bompi basukurira Yehova badahemuka. Umuhungu wiwe yitwa Baltasar junior amaze imyaka 49 akorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Ng’aho, arashigikira igikorwa co kwamamaza kw’isi yose kiguma gitera imbere, ubu akaba ari mu bagize Komite y’ishami muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. *

Igihe twatangura kugira amahwaniro muri San Salvador, umuvukanyi Perla yaradufashije kuronka uruhusha rwo gukoresha inyubakwa nini yakorerwamwo ivyo kwinonora imitsi. Mu ntango, twicara mu bibanza bikeyi gusa; mugabo Yehova yaraduhezagiye tuza turongerekana ku mwaka ku mwaka gushika twuzuye iyo nyubakwa, mbere iratubana nto! Kuri ivyo biringo biteye umunezero, narabonana n’abo nari narigishije Bibiliya. Ibaze ukuntu numva merewe igihe abo nahoze nigisha Bibiliya baba banyeretse abo nokwita abuzukuru banje, ni ukuvuga abo ubwabo bigishije Bibiliya, baba bahejeje kubatizwa!

Umuvukanyi Frederick Franz ariko arayaga n’abamisiyonari kw’ihwaniro

Kw’iteraniro rimwe, hari umuvukanyi yaje aho ndi maze ambwira ko yipfuza gusaba imbabazi. Sinamumenye kandi sinatahuye ico ashatse kuvuga. Yambwiye ati: “Nari umwe muri ba bahungu babatera amabuye i Santa Ana.” Ico gihe yari asigaye asukurira Yehova cokimwe nanje! Nararengewe n’umunezero. Ico kiyago caranyeretse ko ubusuku bw’igihe cose ari co gikorwa kivamwo ivyiza kuruta ibindi vyose umuntu yokora.

Iteraniro ry’umuzunguruko rya mbere twitavye muri Salvador

 AMAHITAMWO ATEYE UMUNEZERO

Narabandanije igikorwa c’ubumisiyonari muri Salvador hafi imyaka 29. Natanguriye mu gisagara ca Santa Ana, hanyuma i Sonsonate, ubukurikira nja i Santa Tecla, amaherezo nja muri San Salvador. Mu 1975, maze kuzirikana cane ndabijanisha n’isengesho, narahisemwo guhagarika ubumisiyonari maze nsubira i Spokane. Abavyeyi banje b’abizigirwa bari bakeneye ko ndabafasha kuko bari bageze mu zabukuru.

Dawe amaze gupfa mu 1979, naciye nitwararika mawe, uwagenda ararushiriza kugoyagoya no gukenera gufashwa. Yarabayeho iyindi myaka umunani, maze apfa afise imyaka 94. Muri ico kiringo kitoroshe, nararuha ngasanzara nkongera ngatuntura cane. Imyitwarariko yatumye mfatwa n’indwara ibabaza cane bita zona. Mugabo biciye kw’isengesho no ku kuba Yehova yaramfashe mu mugongo abigiranye urukundo, narashoboye kwihanganira ico kigeragezo kitari coroshe na gato. Ni nk’aho Yehova yavuze ati: ‘Gushika mugize imvi ku mutwe, nzobaterura, ndabashigikire nongere ndabarokore.’Yes. 46:4.

Mu 1990, narimukiye i Omak muri Washington. Narashoboye gufasha mu cibare gikoresha ururimi rw’igisupanyoli, ndasubira kwumva ko hari ico maze. Benshi mu bo nigishije Bibiliya barabatijwe. Muri Munyonyo 2007, kubera ko ntari ngishoboye kwitwararika inzu yanje yari i Omak, naciye nimukira mu cumba c’inyubakwa nini iri mu gisagara ca Chelan muri Washington kiri hafi y’ i Omak. Kuva ico gihe, ishengero ry’igisupanyoli ryaranyitwararitse cane, nkaba ndabikenguruka rwose. Kubera ko ari jewe jenyene ngeze mu zabukuru muri ryo, abarigize bamfata nka inakuru wabo bikundira.

Nahisemwo kutubaka urwanje ngo ngire umuryango kugira nshobore kurangura ubusuku bimwe vyuzuye ata kinsamaza, ariko ndafise abana benshi bo mu buryo bw’impwemu. (1 Kor. 7:34, 35) Narabonye yuko ntashobora kuronka ibintu vyose muri ubu buzima. Naciye rero nshira imbere igihambaye kuruta ibindi, ni ukuvuga ukuba nariyeguriye Yehova kugira ndamukorere n’umutima wanje wose. Mw’isi nshasha, nzoronka umwanya uhagije wo gukora ikintu ico ari co cose nipfuza. Icanditswe nkunda cane ni Zaburi 145:16, ahadusubiriza umutima mu nda ko Yehova “[azo]haza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”

Umurimo w’ubutsimvyi utuma ngumana umwete

Ubu mfise imyaka 91 ariko ndacabasha, nkaba mbandanya gukora ubutsimvyi. Umurimo w’ubutsimvyi uramfasha kugumana umwete, ugatuma ubuzima bwanje bugira intumbero. Igihe nashika muri Salvador ari bwo bwa mbere, igikorwa co kwamamaza ni ho cari kigitangura. Naho Shetani yaturwanije adatezura, ubu muri ico gihugu hari abamamaji barenga 39.000. Ivyo birakomeza cane ukwizera kwanje. Biragaragara vy’ukuri ko impwemu nyeranda ya Yehova ishigikira utwigoro abasavyi biwe bagira!

^ par. 4 Raba Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1981 (mu gifaransa), urupapuro rwa 44-46.

^ par. 19 Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1981 (mu gifaransa), urupapuro rwa 41-42.

^ par. 24 Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova co mu 1981 (mu gifaransa), urupapuro rwa 65-67, 73-74.