Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Bariteguriye igikorwa ciza cose’

‘Bariteguriye igikorwa ciza cose’

‘Bariteguriye igikorwa ciza cose’

‘UBANDANYE kubibutsa kugamburukira abakuru n’abafise ubushobozi, no kubumvira, no kwitegurira igikorwa ciza cose’ (Tito 3:1). Ni igikorwa ciza ikihe Paulo yari afise mu muzirikanyi igihe yandikira ayo majambo abo basangiye ukwizera? Incabwenge mu vya Bibiliya yitwa Earnest F. Scott yerekeje ku bwoko bumwe bw’igikorwa ciza, mu kuvuga ati: “Abakirisu ntibumvira ubutegetsi vyonyene, ariko bategerezwa kwama bagabirije gukora igikorwa ciza cose . . . . Igihe bikenewe, abakirisu baba mu ba mbere mu kugirira bose ineza. Harakunda kuba ivyaduka vy’umuriro, ivyago, ibiza vy’ubwoko bwinshi, ari na ho abanyagihugu beza bashobora kwipfuza gufasha ababanyi babo”.

Abakirisu baragira uruhara mu bikorwa rusangi bimwebimwe mu gihe ivyo bikorwa bidateye kubiri n’amategeko y’Imana (Ivyakozwe 5:29). Nk’akarorero, mu gukurikira ubuyobozi bw’urwego rujejwe kuzimya umuriro rwaho, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buyapani biri i Ebina, uko umwaka utashe birimenyereza ukuntu vyobigenza umuriro wadutse. Mu bihe nk’ivyo, abagize umuryango wa Beteli bose barahurira hamwe kugira ngo bumvirize inyobozo zitangwa n’uwuba yaserukiye urwo rwego rujejwe kuzimya umuriro rwaho.

Ikigeretseko, ivyo biro vy’ishami bimaze imyaka irenga cumi bikorana n’abakuru baho mw’iyerekanwa ritunganywa kugira ngo baremeshe ivyo kuba maso ku bikwega umuriro n’uburyo bwo kubikinga. Mu gihe c’iyerekanwa, amakompanyi be n’amahinguriro vyo muri ico gisagara, birerekana ukuntu vyama vyiteguriye kurwanya no kuzimya umuriro. Nya shami ryama rishimirwa kubera ubuhanga be n’ugusenyera ku mugozi umwe vy’abakozi baryo. Mu 2001, bararonse agashimwe ka mbere muri iryo yerekanwa. Bariteguriye gukora igikorwa ciza gishobora kurokora ubuzima mu gihe c’umuriro.

Umurimo w’agaciro

Ariko rero, Ivyabona vya Yehova baritwararika ubundi bwoko bw’igikorwa ciza gihambaye cane, na co nyene kikaba ari ikirokora ubuzima. Baragendera ababanyi babo ubudahorereza kugira ngo bababwire inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana (Matayo 24:14). Ivyo Vyabona bararemesha abantu kwiga no gushira mu ngiro ingingo ngenderwako za Bibiliya mu buzima bwabo, kugira ngo baryohore uburyo bwabo bwo kubaho ubu, bongere bagire icizigiro c’ubuzima budahera mw’isi, aho amahoro nyakuri be n’umutekano nyakuri bizoba vyiganje.

Hari abatotahura agaciro k’umurimo urangurwa n’Ivyabona vya Yehova, bakababona ko ari abononyi. Ariko rero, uwitwa Justice Jean Crepeau wo muri Sentare Ntahinyuzwa yo muri Kanada we si ukwo yabibonye. Ivyabona vya Yehova bo ngaho bari baranse itegeko ryasohowe n’ibiro bijejwe igisagara ca Blainville co mu ntara ya Québec ryasaba yuko baronkera uruhusha igikorwa cabo co kugendera abantu inzu ku nzu. Mu ngingo yafashwe na sentare, Justice Crepeau yavuze ati: “Ukugendera abantu Ivyabona vya Yehova bagira ni igikorwa rusangi ca gikirisu kandi . . . ibitabu Ivyabona baha abanyagihugu bashimishijwe ni ibitabu bihambaye, bivuga ibijanye n’idini, Bibiliya, ibiyayura umutwe, ukwizizirwa n’inzoga, indero y’urwaruka, ingorane zo mu mubano be n’ukwahukana”. Iyo ngingo yabandanije ivuga iti: “Ico sentare ishobora gushikako gusa ni ic’uko kugereranya Ivyabona vya Yehova n’abacuruza batembereza utuntu ari ukubatuka, ukubateza urubwa, ukubababaza be n’ukubatyoza”.

Ivyabona vya Yehova baragira ico baterera ku bw’ineza y’ikibano babamwo mu gufasha abantu gutsinda ingorane zo mu buzima bwabo bwa misi yose no mu kubaronsa icizigiro ca kazoza. Bibiliya irabaha ivyangombwa ngo barangure ico gikorwa. “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose”.​—2 Timoteyo 3:16, 17.

Woshima kumenya ukuntu Ivyabona vya Yehova baba ‘abiteguriye igikorwa ciza cose’? Turagusavye kwemera ko bogufasha kwiga vyinshi ku vyerekeye Bibiliya, gutyo uheze nawe witange muri ico gikorwa rusangi gihambaye barangurira mu karere kanyu be no kw’isi yose.

[Amafoto ku rup. 30, 31]

Ivyabona vya Yehova bararondera gukorana n’abakuru bo mw’isi

[Ifoto ku rup. 31]

Ivyabona barazwi kubera bafasha ababanyi babo