BE MASO! Rusama 2015 | Inkuru nziza ku bakene n’abatagira uburaro
Bibiliya ntiyerekana gusa icofasha abakene n’abatagira uburaro, iravuga n’ivyerekeye igihe ubukene n’ukutagira uburaro bizokurwaho.
UDUKURU TW’IRYA N’INO
Uko vyifashe muri Aziya
Ni ingorane izihe zihanze ibihugu vyo muri Aziya mu bijanye n’indero be n’ugukingira abanyagihugu bavyo? Impanuro zo muri Bibiliya zoba zishobora kubafasha?
IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Inkuru nziza ku bakene n’abatagira uburaro
Impanuro nziza Bibiliya itanga zirashobora gutuma utora akoyoko mu vy’ubutunzi, ukanamererwa neza mu mutima.
ICOFASHA UMURYANGO
Niwigishe umwana kugamburuka
Woba wama ugwa inzura n’umwana wawe adashaka kukwumvira, kandi kenshi akaba ari we atsinda? Raba ibintu bitanu vyogufasha.
“Imana iriko iradufasha gusubirana”
Batatu mu bagizwe imbohe mu 2004 mu gitero cabaye kw’ishure ry’i Beslan, baratwiganira ivyabafashije kwibagira amabi bahaboneye.
KAHISE KATWIGISHA IKI?
Al-Khwarizmi
Uwo Mwarabu wo mu kinjana c’umunani ni we bivugwa ko yatanguje “uburyo bwo gukora ibiharuro buhambaye gusumba ubundi bwose bumaze kwiyumvirwa.”
VYOBA VYARIYADUKIJE?
Umuco w’agakoko kitwa calmar ko muri Hawayi
Ako gakoko karihingurira umuco, mugabo ntikabigira kugira kabone canke kabonwe.
Ibindi usanga kuri internet
Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga
Niwirabire ingene amakoraniro yacu agirwa.
Nusabe neza kandi uvuge urakoze
Kalebu arabona ko gusaba neza no kuvuga urakoze bituma ibintu bigenda neza.

