Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! RUSAMA 2015

 UDUKURU TW’IRYA N’INO

Uko vyifashe muri Aziya

Uko vyifashe muri Aziya

Umugabane wa Aziya ni wo ubako abantu benshi gusumba iyindi. Ubushinwa n’Ubuhindi vyonyene bibamwo abarenga ica gatatu c’ababa kw’isi yose. None ni ingorane izihe zihanze ibihugu vyo muri Aziya mu bijanye n’indero be n’ugukingira abanyagihugu bavyo?

Kwigisha abana birabakingira

Abahinga mu vy’amategeko bo mu Bushinwa bavuga ko bishoboka cane ko abana bagirirwa nabi mu vy’igitsina igihe abavyeyi batabigishije ivyerekeye igitsina kuva bakiri bato. Kuva mu 2010 gushika mu 2013, abashikirizamanza bo mu Bushinwa barakiriye ibirego nka 8.000 vy’abana bakorewe amabi mu vy’igitsina. Umwigisha w’ivy’amategeko kuri kaminuza y’i Beijing avuga ko abana “boroshe cane guhenda kandi ko babangamirwa. Kubigisha ni co kintu cobakingira abobagirira nabi mu vy’igitsina.”

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: Abavyeyi beza barigisha abana babo ingene bokwikingira “umuntu avuga ibintu bigoramye.”Imigani 2:1, 10-12.

Abapfa inyuma y’igihuhusi

Itohoza rimwe ryerekanye yuko abana b’abakobwa bakiri inzoya bo muri Filipine bapfa mu mwaka ukurikira igihuhusi gikaze, baruta incuro nka 15 abahitanwa n’ico gihuhusi ubwaco. Bishobora kuba biterwa n’ukubura akazi kubera igihuhusi, amahera yo gusubira kwubaka amazu, n’uburyo buke bukoreshwa ku bana b’inzoya b’abakobwa mu bijanye no kubagaburira, kubavuza, no mu bindi.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: ‘Gaburira umukate wawe uwushonje, uzane mu nzu yawe abantu b’abarushwa, batagira uburaro. Ubonye uwuri gusa umwambike.’Yesaya 58:7.

Abageze mu zabukuru biyahura muri koreya y’epfo

Mu 2011, abarenga ica kane c’abiyahuye muri Koreya y’Epfo bari bafise imyaka 65 canke irenga. Abashakashatsi bamwe bavuga ko vyatewe n’ingorane z’ubutunzi be n’ukuntu abantu batakibona ko bihambaye kwitwararika abageze mu zabukuru. Nkako, hafi ica kabiri c’abageze mu zabukuru bo muri Koreya y’Epfo bari mu bukene. Abadashika n’ica kabiri c’abahaba ni bo babona ko abana bakwiye kwitaho abavyeyi babo bageze mu zabukuru.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO: “Tera iteka so na nyoko.”Abanyefeso 6:2.