IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Ubuzima bwabayeho gute?
Heraheza:
UBUZIMA BWABAYEHO․․․․․․․.
-
BICIYE KW’IHINDAGURIKA
-
BICIYE KW’IREMA
HARI abokwiyumvira yuko abisunga ivya siyansi bovuga ko ubuzima bwabayeho “biciye kw’ihindagurika,” abisunga ivy’Imana na bo bakavuga ko bwabayeho “biciye kw’irema.”
Ariko si ko vyama.
Mu bisanzwe abantu benshi bize, harimwo n’abahinga batari bake, ntibemera iyo nyigisho y’ihindagurika.
Iyumvire nk’akarorero ivyerekeye Gerard, umuhinga mu bijanye n’udukoko tuguruka. Kuri kaminuza, yarize ivyerekeye ihindagurika. Avuga ati: “Igihe twaba turiko turakora ibibazo, abatwigisha ivy’ihindagurika nabishura ivyo bashaka ko twishura, ariko sinemera ivy’ihindagurika.”
Kubera iki none n’abantu bamwebamwe bisunga ivya siyansi bibagora kwemera yuko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika? Kugira twishure ico kibazo, reka duce irya n’ino ibibazo bibiri bigishusha umutwe abashakashatsi benshi: (1) Ubuzima bwatanguye gute? (2) Vyagenze gute ngo ibinyabuzima bitandukanye bibeho?