Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Imibabaro

Imibabaro

Abantu bamwebamwe biyumvira ko Imana ari yo ituma abantu bashikirwa n’imibabaro canke ko itababaye imibabaro ibashikira. Vyoba none ari vyo Bibiliya ivuga? Inyishu y’ico kibazo yoshobora kugutangaza.

Imana yoba ari yo ituma dushikirwa n’imibabaro?

“Emwe, ni ukuri Imana ntikora ivy’ububisha.”Yobu 34:12.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abavuga ko Imana ari yo itegura ibidushikira vyose. Ni co gituma bibaza ko ari yo ituma dushikirwa n’imibabaro. Nk’akarorero, iyo habaye ivyago vy’ivyaduka baca biyumvira ko Imana ari yo yashatse guhana abacumuye.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iratomora yuko Imana atari yo ituma dushikirwa n’imibabaro. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko igihe dushikiwe n’ibigeragezo, twoba twihenze tuvuze ngo: “Ndiko ngeragezwa n’Imana.” Kubera iki? Kubera ko “Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Imana si yo rero ituma dushikirwa n’ibigeragezo canke imibabaro nya bigeragezo biduteza. Hamwe yoba ari yo ibituma, bwoba ari ububisha kandi tuzi ko “Imana [ida]kora ivy’ububisha.”Yobu 34:12.

Nimba Imana atari yo ituma dushikirwa n’imibabaro, ni nde none abituma? Canke, ni igiki kibituma? Birababaje kubona kenshi abantu bagirirwa nabi n’abandi bantu nka bo badatunganye. (Umusiguzi 8:9) Vyongeye, turashobora gushikirwa n’ivyago biturutse ku “bishika giturumbuka,” bigahurirana n’uko turi aho hantu bibereye. (Umusiguzi 9:11) Bibiliya yigisha yuko Shetani wa Mubesheranyi, we mutware w’iyi si, ari we canecane yobazwa imibabaro ishikira abantu, kubera ko “isi yose iri mu bubasha [bwiwe].” (Yohani 12:31; 1 Yohani 5:19) Imana rero si yo ituma abantu bashikirwa n’imibabaro, ahubwo ni Shetani.

Imana yoba yitaho imibabaro idushikira?

“Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.”Yesaya 63:9.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Hari abiyumvira ko Imana itanezwe ingorane zidushikira. Nk’akarorero, hari umwanditsi umwe yavuze yuko Imana “biboneka ko itatugirira akagongwe canke imbabazi igihe turiko turashikirwa n’imibabaro.” Avuga ko nimba Imana ibaho, itegerezwa kuba “itababaye na gato” abantu.

IBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ntiyerekana ko Imana itagira akagongwe canke ko itatubabaye. Ahubwo ivuga ko ibabazwa cane n’imibabaro idushikira kandi ko igiye kuyikuraho. Raba ibintu bitatu biremesha Bibiliya ivuga.

Imana irazi imibabaro ducamwo. Kuva aho abantu batanguriye gushikirwa n’imibabaro, nta muntu n’umwe yashikiwe n’ingorane ngo Yehova * ntabimenye, kuko “amaso aca ibibatsi” yiwe abona vyose. (Zaburi 11:4; 56:8) Nk’akarorero, igihe abasavyi biwe ba kera bariko bacurwa bufuni na buhoro, yavuze ati: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo.” Yoba none yari azi muri rusangi gusa umubabaro barimwo? Oya, kuko yongeyeko ati: “[Ndazi] neza imibabaro barimwo.” (Kuvayo 3:7) Abantu benshi bararemeshejwe no kumenya gusa ko Imana izi ingorane zose bacamwo, ushizemwo n’ingorane abandi bashobora kuba batazi canke badatahura neza.Zaburi 31:7; Imigani 14:10.

Imana iratwumvira impuhwe igihe dushikiwe n’imibabaro. Uretse ko Yehova Imana amenya ko turiko dushikirwa n’imibabaro, biranamubabaza cane. Nk’akarorero, yarababajwe cane n’amarushwa yashikiye abasavyi biwe ba kera. Bibiliya ivuga iti: “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.” (Yesaya 63:9) Naho Imana iruta cane abantu, irumvira impuhwe abariko bashikirwa n’imibabaro, bikamera nk’aho umubabaro bafise iwumvira mu mutima wayo! Vy’ukuri, “Yehova [ni] umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.” (Yakobo 5:11) Vyongeye, Yehova aradufasha kwihanganira umubabaro dufise.Abafilipi 4:12, 13.

Imana izokuraho imibabaro yose. Bibiliya yerekana ko Imana izokuraho imibabaro ishikira abantu bose kw’isi. Biciye ku Bwami bwayo buri mw’ijuru, izotuma haba amahinduka akomeye cane azotuma abantu babaho neza. Ku bijanye n’ico gihe, Bibiliya idusezeranira ko Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera [bizoba] vyagiye.” (Ivyahishuwe 21:4) Bite ho ku bapfuye? Imana izotuma basubira kuba bazima, na bo nyene bibere kw’isi ata mibabaro ikiriho. (Yohani 5:28, 29) Hoba hari uwuzotuntuzwa no kwibuka ibintu bibabaje vyamushikiye kera? Oya, kuko Yehova asezerana ati: “Ivya kera ntibizokwibukwa, eka mbere ntibizoza mu mutima.”Yesaya 65:17. *

^ par. 13 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

^ par. 15 Wipfuza kumenya igituma Imana yaretse ngo abantu babe barashikirwa n’imibabaro be n’ingene izoyikuraho, turagusavye urabe ikigabane ca 8 n’ica 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.