Gushikira ivyo urondera

Hitamwo ururimi

Ja ku rutonde rw'ibirimwo rwa kabiri

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova

Ikirundi

BE MASO! NZERO 2015

 IBIHUGU N’ABABIBAMWO

Tuje muri Kosta Rika

Tuje muri Kosta Rika

HARAHEZE ibinjana bitanu Abanyespanye bashitse muri ako karere ari bwo bwa mbere. Ako karere baciye bakita Kosta Rika (bisobanura ngo “Inkengera itunze”), kubera ko biyumvira ko bogakuyemwo inzahabu nyinshi. Ariko izo nzahabu nta zo bahasanze. Naho ico gihugu ata butare bw’agaciro bwinshi gitunze, kirazwi ko kiri mu bihugu bitunze amoko menshi cane y’ibinyabuzima.

Abanyakostarika bakunze kwitwa Ticos. Iryo zina ryavuye ku kuntu bakunda gukoresha imvugo yo gufatira mu rwara, mu kwongerako akajambo “-ico” ku majambo bakoresha. Nk’akarorero, aho kuvuga ngo “un momento” (bisobanura ngo “rindira akanya gato”), boshobora kuvuga ngo “un momentico” (bisobanura ngo “rindira akanya gato cane”). Mu buzima bwa misi yose, barakunda kuvuga ngo “¡pura vida!” (“ubu ni ubuzima koko!”) kugira berekane ko bashimye ikintu kanaka canke ko bagishigikiye, no kugira baramutse umuntu canke bamusezere.

Amashamba yo muri Kosta Rika arimwo amoko atangaje cane y’ibimera n’ibikoko, nk’aka gakere k’amaso atukura

Zimwe mu mfungurwa zikundwa cane muri Kosta Rika ni izitwa gallo pinto (bisobanura ijambo ku rindi ngo “isake y’utudomagu”). Ziba zigizwe n’umuceri n’ibiharage batetse mu nkono zitandukanye, mu nyuma bakabivanga,  bagashiramwo n’ibirungo. Izo mfungurwa barazifungura mu gitondo, sasita canke ku mugoroba. Kimwe mu binyobwa kavukire vyaho ni ikawa yitwa café chorreado. Iyo kawa bayitegura mu gusuka amazi ashushe kw’ikawa iri mu kayungiro kenena ku kantu gahagaze, gakunze kuba gakozwe mu giti.

Muri Kosta Rika, hari amashengero nka 450 y’Ivyabona vya Yehova. Amakoraniro yabo ajanye no gusenga, bayagira mu ndimi cumi, harimwo ururimi rw’ibimenyetso rwo muri Kosta Rika be n’indimi zibiri kavukire zaho, ari zo bribri na cabécar.

WARI UBIZI? Muri Kosta Rika harubuwe ibibuye amajana vyiburungushuye vyabajwe mu buryo buryoheye ijisho. Rinini cane muri ayo mabuye rifise imetero 2,4 z’ubwaguke. Bivugwa ko amwamwe muri yo amaze imyaka irenga 1.400. Nta wuzi neza igituma yabajwe.

Amabuye yiburungushuye