Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

3 Kubera iki abantu beza bashikirwa n’imibabaro?

3 Kubera iki abantu beza bashikirwa n’imibabaro?

Igituma bihambaye ko turonka inyishu

Iyo abantu beza bariko bashikirwa n’imibabaro bituma tubona ko ari akarenganyo. Bishobora no gutuma haba abibwira ko kuba umuntu mwiza ata co bimaze.

Iyumvire iki kintu:

Hari abemera ko ivyago bidushikira ari ivyo Imana iba yaratwandikiye. Bavuga ko ihana abanyavyaha mu kubateza imibabaro kubera ibibi bakora. Hari n’abemera ko Imana iteza imibabaro abantu beza kugira igerageze ukwizera kwabo. Bavuga ko iyi si ari ahantu ho kugeragerezwa be n’uko abo Imana ikunda ibagerageza kenshi. Ariko none . . .

  • Nimba ibidushikira vyose biba vyaranditswe, kuki twokwihata ngo tugumane amagara meza canke ngo twirinde gukora ibibi?

  • Imana yoba vy’ukuri yoteza abantu ibigeragezo ata kinya, igaca isubira ikitwa inyabuntu n’inyembabazi nk’uko benshi babivuga?

    MENYA N’IBINDI

    Raba kuri jw.org ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’imibabaro?

Bibiliya ibivugako iki?

Imibabaro idushikira si igihano c’Imana.

Ahubwo nyabuna, myinshi muri yo iba giturumbuka, akenshi igashikira umuntu kubera gusa bihuriranye.

Bibiliya ivuga ko “abanyarutsi atari bo bene gutsinda isiganwa, n’abanyenkomezi ko atari bo bene gutsinda urugamba, eka n’inkerebutsi ko atari zo zene kugira ibifungurwa, eka n’abazi ubwenge ko atari bo bene kugira ubutunzi, mbere n’abafise ubumenyi ko atari bo bene kugira ubutoni; kuko ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.”​UMUSIGUZI 9:11.

Kuba turi abacumuzi biri mu bituma dushikirwa n’imibabaro.

Akenshi abantu bakoresha ijambo “igicumuro” mu kuvuga ikintu kibi umuntu yakoze. Ariko Bibiliya irarikoresha no mu kudondora ikintu abantu bose barazwe, baba ababi canke abeza.

“Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka, kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro.”​ZABURI 51:5.

Igicumuro twarazwe carakwegeye abantu ingaruka zibabaje.

Uretse ko cononye ubucuti hagati yacu n’Umuremyi, carononye n’umubano mwiza hagati yacu n’ibindi biremwa. Ivyo vyatumye haba imibabaro myinshi cane, haba ku muntu ku giti ciwe canke ku muryango w’abantu muri rusangi.

“Iyo nshatse gukora ikigororotse, ikibi kibana nanje.”​ABAROMA 7:21.

“Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.”​ABAROMA 8:22.