Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KUBERA IKI IBINTU BIBI BISHIKIRA ABANTU BEZA?

Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?

Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?

Kubera yuko Yehova Imana * ari we Muremyi wa vyose akaba na mushoboravyose, abantu benshi woshobora gusanga babona ko ari we yobazwa ibintu vyose biba mw’isi, ushizemwo n’ibibi vyose. Ariko rero, raba ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’Imana y’ukuri:

  •  “Yehova ni umugororotsi mu nzira ziwe zose.”Zaburi 145:17.

  • “Inzira ziwe zose [ni] ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.”Gusubira mu vyagezwe 32:4.

  • “Yehova [ni] umunyakibabarwe cane n’umunyembabazi.”Yakobo 5:11.

Imana si yo ituma haba ibintu bibi. Ariko none, ubwo ntiyoba ituma abandi babikora? Haba n’intete. Ivyanditswe bivuga biti: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ ” Uti kubera iki? Kubera ko “Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Imana ntigerageza umuntu n’umwe mu gutuma akora nabi. Imana ntituma habaho ibintu bibi kandi ntituma abandi babikora. None iyo ibintu bibi bibaye, ni nde yobibazwa?

IBINTU BISHIKA GITURUMBUKA

Bibiliya irerekana imvo imwe ituma abantu bashikirwa n’imibabaro, mu kuvuga iti: “Ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.” (Umusiguzi 9:11) Umuntu arashobora gushikirwa n’isanganya canke ibintu bitari vyitezwe, bivanye ahanini n’uko yari ari aho vyabereye mu mwanya nyene vyabereyeko. Haraheze imyaka hafi 2.000 Yezu Kristu avuze ibijanye n’icago cashikiye abantu 18 bapfuye igihe umunara wabagwako. (Luka 13:1-5) Ntibapfuye kubera ingene bari barigenjeje mu buzima, ahubwo bapfuye kubera gusa bari munsi y’uwo munara igihe wahenuka. Ejo bundi, ikinyamugigima gikomeye caratikije inganda muri Hayiti muri Nzero 2010. Leta ya Hayiti ivuga yuko abantu barenga 300.000 bahasize ubuzima. Abo bantu bose nya kinyamugigima cabishe ata gutoranya. Indwara na zo nyene zirashobora guhitana uwo ari we wese, igihe ico ari co cose.

Kubera iki Imana idakingira abantu beza ngo ntibashikirwe n’ibintu bibi?

Hari abokwibaza bati: ‘None Imana ntiyoshobora kubuza ivyo vyago vyiha inkumbi ngo ntibibe? Ntiyoshobora gukingira abantu beza ivyago?’ Kugira ngo Imana ikore ivyo bintu, vyosaba ko imenya ivyo vyago imbere y’uko biba. Ni ivy’ukuri ko Imana ifise ubushobozi bwo kumenya ivya kazoza imbere y’igihe, ariko turakeneye kwibaza duti: Ubushobozi Imana ifise bwo kumenya ibintu imbere y’igihe, yoba ihitamwo kubukoresha igihe cose?Yesaya 42:9.

Bibiliya ivuga iti: “Imana yacu iri mu majuru; ivyo [ihimbarwa] no gukora vyose, [irabikora].” (Zaburi 115:3) Yehova akora ivyo abona ko bikenewe, si ivyo  ashobora gukora vyose. Ivyo ni ko biri no ku vyo ahitamwo kubona imbere y’igihe. Nk’akarorero, inyuma y’aho ububisha bubereye ndanse mu bisagara vya Sodomu na Gomora ha kera, Imana yabwiye sekuruza w’imiryango Aburahamu ati: “Niyemeje rwose kumanuka kugira ndabe nimba bakora neza na neza nk’uko amaborogo haborogerwa yanshikiriye ari; nimba na ho atari ko biri, ndabimenye.” (Itanguriro 18:20, 21) Yehova yaramaze igihe ahitamwo kutamenya urugero rw’ububisha bwo muri ivyo bisagara. No muri iki gihe rero, Yehova arashobora guhitamwo kutamenya vyose imbere y’igihe. (Itanguriro 22:12) Ivyo ntivyerekana na gato ko afise akanenge canke ubugoyagoye. Kubera ko “igikorwa ciwe [kita]gira akanenge,” Yehova Imana arakoresha neza ubushobozi bwiwe bwo kumenya ivya kazoza yisunze umugambi wiwe. Ntiyigera ahatira abantu gukurikira inzira kanaka. * (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Tuvuge iki none? Muri make, ubushobozi bwo kumenya ibintu imbere y’igihe Imana ibukoresha ku bintu bimwebimwe, bivanye n’uko ibintu vyifashe.

Kubera iki Imana idakingira abantu beza ububisha?

HOBA HARI ICO ABANTU BOBAZWA?

Ku ruhande rumwe, abantu ni bo bobazwa ibibi bidushikira. Raba ukuntu Bibiliya idondora inzira ishikana ku gukora nabi. Igira iti: “Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro; igicumuro na co iyo kiranguwe, kivyara urupfu.” (Yakobo 1:14, 15) Igihe abantu bakoze ibintu bibi babitumwe n’ivyipfuzo vyabo bitabereye, ntibabura gushikirwa n’ingaruka zibabaje. (Abaroma 7:21-23) Nk’uko kahise kavyerekana, abantu barakoze ibintu vy’agahomerabunwa, bituma haba imibabaro itovugwa. Vyongeye, abantu babi barashobora gutuma abandi baba babi, gutyo ubukozi bw’ikibi bukabandanya.Imigani 1:10-16.

Abantu barakoze ibintu vy’agahomerabunwa, bituma haba imibabaro itovugwa

Imana yoba ikwiye guhaguruka ikabuza abantu gukora ibibi? Rimbura ukuntu umuntu ameze. Bibiliya ivuga ko Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo, imurema ameze nka yo. Abantu rero barashobora kugaragaza kamere z’Imana. (Itanguriro 1:26) Abantu baremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo ikibi n’iciza bakaba bashobora guhitamwo gukunda Imana no kutayihemukira mu gukora ivyo ibona ko bigororotse. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Nka hamwe Imana yohatira abantu gukora ibintu kanaka, ntiyoba none iriko irabaka bwa bushobozi bwo kwihitiramwo? Emwe, abantu boba babaye nk’ibimashini bipfa gukora ico vyagenewe conyene! Ukwo nyene ni ko vyomera mu gihe ivyo dukora be n’ibidushikira vyose vyoba vyarashinzwe n’Imana imbere y’igihe. Ese ingene bihimbaye kubona Imana idutera iteka mu kutureka tukihitiramwo ico twokora! Ariko rero, ivyo  ntibisobanura yuko ibibi biterwa n’amakosa y’abantu be n’amahitamwo yabo mabi bizobandanya kugirira nabi umuryango w’abantu.

IVYO UMUNTU YAKOZE MURI KAHISE VYOBA ARI VYO BITUMA ASHIKIRWA N’IMIBABARO?

Nka hamwe wobaza umuhindu canke umubuda igituma ibintu bibi bishikira abantu beza, woshobora kwumva akwishuye ati: “Ibintu bibi bishikira abantu beza kubera Karma. Ni ukuvuga ko baba bariko bashikirwa n’ingaruka z’ivyo bakoze muri kahise.” *

Ku biraba inyigisho ya Karma, vyoba vyiza turavye ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’urupfu. Muri rya tongo rya Edeni, aho abantu batanguye kuba, Umuremyi yabwiye umugabo wa mbere Adamu, ati: “Igiti cose co muri uwo murima urashobora kukiryako ugashira ipfa. Mugabo ku vyerekeye igiti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi, ntuze ukiryeko, kuko umusi wakiriyeko uzopfa ata kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Iyo Adamu adacumura mu kugambararira Imana, yari kubaho ibihe vyose. Urupfu rwabaye igihano co kutumvira itegeko ry’Imana. Igihe rero Adamu yavyara abana, “urupfu [rwarakwiye] ku bantu bose.” (Abaroma 5:12) Ku bw’ivyo, birashobora kuvugwa ko “impembo igicumuro gitanga ari urupfu.” (Abaroma 6:23) Bibiliya kandi isigura iti: “Uwupfuye aba akuweko igicumuro ciwe.” (Abaroma 6:7) Mu yandi majambo, iyo abantu bapfuye ntibabandanya kwishura ibicumuro baba barakoze.

Abantu amamiliyoni muri iki gihe basigura yuko imibabaro y’abantu iva kuri Karma. Uwemera iyo nyigisho usanga imibabaro yiwe be n’iy’abandi ayibona ibisanzwe bitiriwe biramutesha umutwe cane. Ariko rero, iyo nyigisho nta cizigiro itanga c’uko ibintu bibi bizohera. Abemera iyo nyigisho bemera yuko akaruhuko konyene umuntu aronka ari ukurokorwa biciye ku kwigenza neza no ku bumenyi budasanzwe, akava mu nzinguzingu yo kuza arasubira kuvuka. Yamara ntiwumve, ivyo vyiyumviro biratandukanye cane n’ivyo Bibiliya yigisha. *

IMVO NYAMUKURU

Wari uzi yuko “umutware w’isi,” ni ukuvuga Shetani wa Mubesheranyi, ari we ahanini atuma dushikirwa n’imibabaro?Yohani 14:30

Ariko rero, imvo nyamukuru ituma haba ububisha si umuntu. Shetani wa Mubesheranyi, uwahoze ari umumarayika w’Imana w’umwizigirwa, “ntiyashikamye mu kuri” kandi ni we yazanye icaha mw’isi. (Yohani 8:44) Yaratanguje ubugarariji mw’itongo ryo muri Edeni. (Itanguriro 3:1-5) Yezu Kristu yamwise “wa mubisha” yongera amwita “umutware w’isi.” (Matayo 6:13; Yohani 14:30) Abantu muri rusangi barakurikira Shetani mu kwumvira ivyo abosha ngo birengagize inzira zigororotse za Yehova. (1 Yohani 2:15, 16) Muri 1 Yohani 5:19 havuga hati: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” Hariho ibindi biremwa vy’impwemu vyacitse ibibisha, vyifatanya na Shetani. Bibiliya yerekana ko Shetani n’amadayimoni yiwe “[b]azimiza isi yose,” bagatuma haba ‘amagorwa kw’isi.’ (Ivyahishuwe 12:9, 12) Ku bw’ivyo, Shetani wa Mubesheranyi ni we ahanini yobazwa ububisha.

Biragaragara ko Imana atari yo yobazwa ibintu bibi bishikira abantu, eka kandi si yo ituma bashikirwa n’imibabaro. Ahubwo nyabuna, yasezeranye gukuraho ubukozi bw’iki nk’uko ikiganiro gikurikira kivyerekana.

^ par. 3 Yehova ni izina ry’Imana nk’uko rihishurwa muri Bibiliya.

^ par. 11 Kugira umenye igituma Imana yaretse ububisha bukabandanya, raba ikigabane ca 11 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ par. 16 Kugira umenye ibijanye n’inkomoko y’icitwa Karma, raba ku rupapuro rwa 8-12 mu gatabu Bitugendera Gute Iyo Dupfuye? kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

^ par. 18 Wipfuza kumenya ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye ukuntu abapfuye bamerewe n’icizigiro dufise ku biberekeye, raba ikigabane ca 6 n’ica 7 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?