Rimwe mu mwaka, Ivyabona vya Yehova barahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu nk’uko yasize abitegetse igihe yavuga ati: «Muragume mugira ibi mu kunyibuka.»—Luka 22:19.
Turagutumiye wewe n’umuryango wawe muri ivyo birori.
Ibibazo bikunze kubazwa
Ni bande batumiwe?
Abantu bose baratumiwe. Urashobora gutumira abagenzi bawe no kuzanana n’umuryango wawe.
Ivyo birori bizomara umwanya ungana gute?
Bizomara nk’isaha imwe.
Bizobera hehe?
Nubaze Ivyabona vya Yehova bakubwire aho bizobera mu karere iwanyu.
Hoba hari ico umuntu azoriha mu kwinjira canke ngo agire ivyo yiyemeje?
Oya.
Hoba hari imperezwa zizotozwa?
Oya. Ntitwigera dutoza imperezwa ku makoraniro yacu.—Matayo 10:8.
Umuntu yoza yambaye gute?
Naho ata mpuzu zigenewe ivyo birori, Ivyabona vya Yehova barihatira kwambara mu buryo bugaragaza ko bubaha urwo rubanza rudasanzwe.
Ni ibiki bizoba ku Cibutso?
Muri iryo koraniro, hatangura ururirimbo maze umwe mu Vyabona vya Yehova agasenga. Ni na ko bigenda mu gusozera. Mu bigize ivyo birori harimwo insiguro yerekana akamaro k’urupfu rwa Yezu hamwe n’ivyiza biva ku vyo Imana na Kristu badukoreye.
Ushaka kumenya n’ibindi, nurabe ikiganiro kivuga ngo «Kubera iki Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu mu buryo butandukanye n’ayandi madini?»
Tuzohimbaza Icibutso ryari mu myaka iza?
2026: Ku wa kane, itariki 2 Ndamukiza
2027: Ku wa mbere, itariki 22 Ntwarante