Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Noweli?

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye Noweli?

Inyishu Bibiliya itanga

 Bibiliya ntitanga igenekerezo Yezu yavukiyeko, eka kandi ntivuga ko dukwiye guhimbaza ivuka ryiwe. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi canditswe na McClintock be na Strong kivuga giti: “Uguhimbaza Noweli ntikwashinzwe n’Imana, eka mbere ntigukomoka mw’Isezerano Rishasha.”

 Ahubwo riho, twihweje inkomoko ya Noweli dusanga ikomoka mu migenzo ya gipagani. Bibiliya irerekana ko dusenze Imana mu buryo idashima tuba turiko turayibabaza.—Kuvayo 32:5-7.

Inkomoko y’imigenzo ijanye na Noweli

  1.   Guhimbaza ivuka rya Yezu: “Abakirisu bo mu ntango ntibahimbaza ivuka [rya Yezu] kubera ko babona yuko guhimbaza umusi umuntu yavukiyeko ari umugenzo w’abapagani.”—The World Book Encyclopedia.

  2.   Igenekerezo rya 25 Kigarama: Nta kimenyamenya kihari cerekana ko Yezu yavutse kuri iryo genekerezo. Indongozi za Ekleziya zishobora kuba zahisemwo iryo genekerezo kugira rihurirane n’imisi mikuru ya gipagani yagirwa mu ntango z’urushana.

  3.   Ivy’ugutanga ingabirano, kugira imanza: Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Encyclopedia Americana) kivuga giti: “Saturunaliya, umusi mukuru wahimbazwa n’Abaroma ukwezi kwa Kigarama kugeze hagati, ni wo abantu benshi bafatiyeko mu kugira imigenzo y’ivyo kuryoherwa ijanye na Noweli. Nk’akarorero, aho ni ho havuye ivyo kugira imanza zirimwo imfungurwa zidasanzwe, ivyo guhanahana ingabirano be n’ivyo gucana amabuji.” Ikindi gitabu c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kivuga ko mu gihe ca Saturunaliya “ibikorwa vyose vyahagarara.”

  4.   Amatara yatswa kuri Noweli: Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The Encyclopedia of Religion) kivuga ko Abanyaburaya bashariza amazu yabo “bakoresheje amatara be n’ibiti vyama bitotahaye vy’ubwoko bwose” kugira bahimbaze intango z’urushana no kugira birukane impwemu mbi.

  5.   Uduti tudasanzwe twitwa gui na houx: “Abaduruwide [bano bakaba bari abaherezi bo mu bwoko bw’Abaseleti ba kera] babona ko uduti twitwa gui twari dufise ububasha nsigabwenge. Uduti twama dutotahaye twitwa houx baradusenga, bakabona ko dutanga umuhango w’uko izuba rizogaruka.”—The Encyclopedia Americana.

  6.   Igiti ca Noweli (sapin de Noël): “Gusenga igiti vyari bimenyerewe mu bapagani b’Abanyaburaya, bikaba vyarabandanije n’inyuma y’aho bahindukiriye ubukirisu.” Uburyo bumwe ukwo gusenga igiti kwabandanije ni umugenzo wo “gushira igiti ca Noweli mu bwinjiriro canke mu nzu mu gihe c’imisi mikuru iba ikiringo c’urushana kigeze hagati.”​—Encyclopædia Britannica.