Ja ku birimwo

Ba “banyabwenge batatu” bari bande? Imana yoba ari yo yatumye bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?

Ba “banyabwenge batatu” bari bande? Imana yoba ari yo yatumye bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?

Ico Bibiliya ibivugako

 Bibiliya ntikoresha imvugo ngo “abanyabwenge batatu” canke “abami batatu” mu kudondora abantu bagiye kuraba Yezu inyuma y’ivuka ryiwe, nk’uko abahimbaza Noweli bakunze kubivuga. (Matayo 2:1) Ahubwo umwanditsi w’Injili Matayo, mu kudondora abo bantu yakoresheje ijambo ry’Ikigiriki ma’goi. Biboneka ko iryo jambo ryerekeza ku bahinga mu kuragurira ku nyenyeri no mu yindi migenzo ijanye n’ubupfumu. a Ni co gituma Bibiliya zimwezimwe zibita “abaragurira ku nyenyeri” canke “abamajusi.” b

 Abo “banyabwenge” bari bangahe?

 Bibiliya nta vyo ivuga, kandi igitigiri cabo kivugwako vyinshi. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga (Encyclopedia Britannica), “inkuru zo muri Aziya zivuga ko abo bamajusi bari 12, mu gihe inkuru z’i Buraya n’izo muri Amerika zivuga ko bari batatu, kumbure zikaba zifatira ku mashikanwa y’‘inzahabu n’imibavu ya olibani be n’imira’ (Matayo 2:11) bazaniye uwo mwana.”

 Abo “banyabwenge” boba bari abami?

 Naho abahimbaza Noweli bakunze kuvuga ko abo bantu bari abami, nta na hamwe Bibiliya ibita abami. Ca gitabu twavuga, cerekana ko abo bantu biswe abami haciye ibinjana bitari bike Yezu avutse, kugira “baryoshe inkuru y’ivuka ryiwe.”

 Amazina y’abo “banyabwenge” ni ayahe?

 Bibiliya ntivuga amazina y’abo baragurira ku nyenyeri. Igitabu kimwe kivuga ko “amazina abantu babaha, ari yo Gasupari, Melikiyoro na Barutazaro ari ayo bapfuye kwiyumvira.”​—The International Standard Bible Encyclopedia.

 Abo “banyabwenge” bagendeye Yezu ryari?

 Abo baragurira ku nyenyeri, bashobora kuba bagendeye Yezu haciye amezi atari make avutse. Ivyo tuvyemezwa n’uko mu ntumbero yo kwica Yezu, Umwami Herodi yategetse ko hicwa abahungu bose b’imyaka ibiri canke batarayishikana. Ico kiringo yagifatiye ku makuru yari yahawe n’abo baragurira ku nyenyeri.​—Matayo 2:16.

 Abo bantu ntibagiye kuraba Yezu mw’ijoro yavutsemwo. Bibiliya ivuga iti: “Binjiye mu nzu babona wa mwana mutoyi ari kumwe na Mariya nyina wiwe.” (Matayo 2:11) Ivyo vyerekana ko ico gihe uwo muryango waba mu nzu kandi ko Yezu atari akiri akayoya karyamye mu bwato bw’ibitungwa.​—Luka 2:16.

 Imana yoba ari yo yatumye abo “banyabwenge” bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?

 Hari abantu bemera ko Imana ari yo yarungitse icitwa ngo ni inyenyeri y’i Betelehemu kugira ngo iyobore abaragurira ku nyenyeri ibajane aho Yezu yari. Rimbura ivyerekana ko ico ciyumviro atari co.

  •   Ico kintu twokwita inyenyeri cabanje kubajana i Yeruzalemu. Bibiliya ivuga iti: “Abaragurira ku nyenyeri bavuye mu mihingo yo mu buseruko baza i Yeruzalemu, bavuga bati: ‘Wa mwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twabonye inyenyeri yiwe igihe twari mu buseruko, tukaba tuje kumwunamira.’”​—Matayo 2:1, 2.

  •   Umwami Herodi ni we yatanguye kwerekeza abo baragurira ku nyenyeri i Betelehemu, si iyo “nyenyeri.” Igihe Herodi yumva ibijanye n’uwundi mwami, ni ukuvuga “umwami w’Abayuda,” yaciye arondera kumenya aho Kristu yari kuvukira. (Matayo 2:3-6) Amenye ko yari kuvukira i Betelehemu, yaciye abwira abo baragurira ku nyenyeri ngo bajeyo kurondera uwo mwana, baheze bagaruke kumubwira aho bamubonye.

     Ico gihe ni ho abo baragurira ku nyenyeri baja i Betelehemu. Bibiliya ivuga iti: “Aho bumviye iryo umwami avuze, bafata inzira baragenda; kandi ehe, ya nyenyeri bari babonye igihe bari mu buseruko ibagendera imbere, gushika aho ihagarara hejuru y’aho wa mwana mutoyi ari.”​—Matayo 2:9.

  •   Iyo “nyenyeri” imaze kuboneka, ivyakurikiye vyarashize mu kaga ubuzima bwa Yezu bihitana n’ubuzima bw’abana ata co bazira. Igihe abo baragurira ku nyenyeri bava i Betelehemu, Imana yaciye ibaburira ngo ntibasubire kwa Herodi.​—Matayo 2:12.

 None Herodi yavyakiriye gute? Bibiliya ivuga iti: “Herodi, abonye ko ba bantu baragurira ku nyenyeri bamuhenze arashangashirwa cane, atuma abantu, bica abana bose b’abahungu b’i Betelehemu no mu ntara zaho zose, kuva ku wumaze imyaka ibiri kumanuka, yisunze igihe yari yabaririkije avyitondeye kuri ba bantu baragurira ku nyenyeri.” (Matayo 2:16) Imana ntiyari guteza ikintu kibi nk’ico.​—Yobu 34:10.

a Umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote wo mu kinjana ca gatanu imbere ya Kristu, yavuze ko mu gihe ciwe ijambo ma’goi ryerekeza ku bwoko bw’Abamedi (Abaperesi) bari karuhariwe mu vyo kuragurira ku nyenyeri no mu gusobanura indoto.

b Raba Bibiliya y’isi nshasha, Ubwuzure bushasha, na Bibiliya Nyeranda. Bibiliya Yera ivuga ko abo bantu bari “abanyabwenge,” mugabo ntivuga ko bari batatu.