IBIBAZO VY’ABASOMYI
Noweli yoba ibereye ku bakirisu?
Abantu amamiliyoni hirya no hino kw’isi bemera ko Noweli ari umusi mukuru wo kwibuka ivuka rya Yezu Kristu. Ariko none abakirisu bo mu kinjana ca mbere, abagendanye na Yezu, boba barahimbaza Noweli? Mbega hoho, woba uzi ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’imisi mikuru yo kwibuka ivuka? Inyishu z’ivyo bibazo zirashobora kudufasha kumenya nimba Noweli ibereye ku bakirisu.
Ubwa mbere ho, Bibiliya ntivuga ko Yezu canke abandi basavyi b’Imana boba barahimbaza imisi mikuru yo kwibuka ivuka. Ivuga abantu babiri gusa babigize, kandi nta n’umwe muri bo yasenga Yehova. Vyongeye, iyo misi mikuru yabo yaranzwe n’ibintu biteye agahinda. (Itanguriro 40:20; Mariko 6:21) Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kivuga ko abakirisu bo mu ntango baterekwa uwo “mugenzo wa gipagani wo kwibuka imisi mikuru y’ivuka.”
Yezu yavutse kw’itariki iyihe?
Vyongeye, Bibiliya ntidomako itariki Yezu yavukiyeko. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi canditswe na McClintock be na Strong kigira giti: “Nta wokwemeza umusi Yezu yavukiyeko, yisunze [Isezerano rishasha] canke ikindi gitabu ico ari co cose.” None iyo Yezu yipfuza ko abigishwa biwe bawuhimbaza, ubwo ntiyari kwitwararika ko bamenya neza itariki yiwe y’amavuko?
Ikindi na co, nta ho Bibiliya yerekana ko Yezu yoba yarahimbaje Noweli canke ko hari n’umwe mu bigishwa biwe yayihimbaje. Igitabu kimwe (New Catholic Encyclopedia) kivuga ko guhimbaza Noweli vyatanguye kuvugwa “mu gitabu Chronograph umuroma yitwa Philocalus yagendereza ibihe, yanditse mu 336 [inyuma ya Kristu].” Ico gihe Bibiliya yari yarahejeje kwandikwa, kandi hari haciye ibinjana Yezu avuye kw’isi. Ni yo mpamvu rero McClintock na Strong banditse bati: “Guhimbaza Noweli ntivyashinzwe n’Imana, kandi ntibishingiye [kw’Isezerano rishasha].” *
Ni ikintu ikihe Yezu yasavye abigishwa biwe kwibuka?
Yezu wa Mwigisha Ahambaye, yaratanze ubuyobozi butomoye ku vyo yashaka ko abigishwa biwe bakora, bikaba vyanditse muri Bibiliya. Ariko rero, ivyo guhimbaza Noweli nta vyo dusangamwo. Nka kurya umwigisha atipfuza ko abanyeshure biwe barenga ku vyo yabigishije, ni ko na Yezu atipfuza ko abayoboke biwe “[barenga] ku bintu vyanditswe” mu Vyanditswe vyeranda.—1 Abakorinto 4:6
Mugabo rero hariho ikintu kidasanzwe abakirisu bo mu ntango bari bamenyereye, na co akaba ari ukwibuka urupfu rwa Kristu. Yezu ubwiwe ni we yabwiye abigishwa biwe igihe bokwibutse ico kintu be n’ingene bobigenjeje. Ubwo buyobozi budomako be n’itariki nyezina y’urupfu rwiwe biranditse muri Bibiliya.—Luka 22:7, 19; 1 Abakorinto 11:25.
Nk’uko tubibonye, Noweli ni umusi wo kwibuka ivuka, abakirisu bo mu ntango bakaba batakurikiza uwo mugenzo w’abapagani. Vyongeye, Bibiliya ntivuga ko Yezu canke uwundi mukirisu n’umwe boba barahimbaje Noweli. Ku bw’ivyo, abakirisu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi baratahura ko Noweli itabereye kuri bo.
^ ing. 6 Ushaka kumenya n’ibindi ku nkomoko y’ivya Noweli, raba ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi . . . Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye Noweli?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2014. Kiraboneka no kuri www.jw.org.