Ja ku birimwo

6 NTWARANTE 2018
AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona baratanguye isekeza riba buri mwaka ryo gutumira abantu ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu

Ivyabona baratanguye isekeza riba buri mwaka ryo gutumira abantu ku Cibutso c’urupfu rwa Kristu

Kw’igenekerezo rya 3 Ntwarante 2018, Ivyabona vya Yehova bo kw’isi yose baratanguye isekeza ryo gutumira abantu ku Mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, izitwa kandi Icibutso c’urupfu rwa Kristu. Ku wa 31 Ntwarante, Ivyabona bo mu bihugu 240 bazoja kuri urwo rubanza. Babona ko ari rwo rubanza ruhambaye kuruta izindi zose. Nk’uko vyerekanwa ku butumire, abantu bose barahawe ikaze no ku nsiguro ishingiye kuri Bibiliya ivuga ngo “Yezu Kristu ni nde vy’ukuri?” Izoshikirizwa mu ndwi itangura ku wa 19 Ntwarante.

David Semonian, umuvugizi w’Ivyabona vya Yehova, avuga ati: “Mu 2017, abantu barenga imiliyoni 20 ni bo bitavye Icibutso kandi imiliyoni nka 12 muri bo ntibari Ivyabona. Rero, urwo rubanza rw’Icibutso ruba buri mwaka rurahambaye, haba ku Vyabona no ku bashitsi amamiliyoni baba barwitavye. Twipfuza ko ababanyi bacu bose boronka ubutumire bwo kwitaba Icibutso mu kibanza coborohereza.”

Uwujejwe amakuru:

Ku rwego mpuzamakungu: David A. Semonian, wo mu Biro bijejwe amakuru, tél. +1-845-524-3000