UMUNARA W’INDERETSI Munyonyo 2015 | Imana ibona gute intambara?

Inyishu Bibiliya itanga hari aho yogutangaza.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana ibona gute intambara?

Kera, Imana yarasaba abasavyi bayo ngo baje mu ntambara. Mu nyuma, Yezu yigishije abantu gukunda abansi babo. Ni igiki cahindutse?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene Imana yabona intambara mu bihe vya kera

Ibintu bitatu bihambaye vyerekana intambara zaba zishigikiwe n’Imana.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene Imana yabona intambara mu kinjana ca mbere

Naho Imana itahinduye ingene ibona intambara, hari ikintu gikomeye cabaye cerekana ko ibintu vyari vyarahindutse.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ingene Imana ibona intambara muri iki gihe

Imana igiye kuzana intambara izorangiza intambara zose.

Wari ubizi?

Kubera iki Yozefu yimosheje imbere yo kuja kwa Farawo? Igihe muri Bibiliya havuze ko se wa Timoteyo yari “Umugiriki,” vyoba bisobanura ko yakomoka mu Bugiriki?

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Niyumvira ko ndiko ndaryimara mu buzima

Pawel Pyzara yarakara cane, akanywa urumogi kandi yashaka kuminuza mu vy’amategeko. Ibintu vyagiye guhinduka igihe yasomborotsa abagabo umunani.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

“Umwana wanje w’umukundwa kandi w’umwizigirwa mu Mukama”

Ni igiki cafashije Timoteyo gutsinda amasoni akaba umucungezi mukirisu w’umutima rugabo?

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nimba abapfuye bazozuka, bazoba hehe?

Ibindi usanga kuri internet

Intambara ya Harumagedoni ni iki?

Ijambo Harumagedoni riboneka rimwe gusa muri Bibiliya, ariko ivyerekeye iyo intambara biravugwa muri Bibiliya yose.