UMUNARA W’INDERETSI Mukakaro 2014 | Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?

Imana yoba ari yo yobibazwa? Vyoba ari ibibi umuntu aba yarakoze? Hoba hariho icotuma umuntu adashikirwa n’imibabaro canke ibintu bibi?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ibintu bibi ni vyinshi cane!

Nimba hariho Imana mushoboravyose, kubera iki idakingira ingorane abantu beza

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Kubera iki ibintu bibi bishikira abantu beza?

Bibiliya irerekana imvo zitatu nyamukuru zituma abantu bashikirwa n’imibabaro.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ico Imana izokorera ubukozi bw’ikibi

Woba wipfuza kubaho mw’isi aho ibintu bibi bitazosubira gushikira abantu beza?

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Nta ho naja ntafise inkoho yanje

Annunziato Lugarà yari mu kagwi k’inkozi z’ikibi, ariko kuja ku Ngoro y’Ubwami vyarahinduye ubuzima bwiwe.

Ingene wotoza indero abana bawe

Bibiliya iravuga ibintu bitatu bifasha gutanga indero ngirakamaro.

Wari ubizi?

Abubatsi b’imeri ba kera bahoma gute amato yabo? Ifi zazigamwa gute kera?

Woba ushobora kubona Imana itaboneka?

Niwige ingene wokoresha “amaso y’umutima” wawe.

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Isengesho bwoba ari uburyo gusa bwo gusaba imfashanyo?