Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abaziteki ba none baba abakirisu b’ukuri

Abaziteki ba none baba abakirisu b’ukuri

Abaziteki ba none baba abakirisu b’ukuri

“Insengero zarasenyutse zisigara ari umukungugu n’iminyota, ibigirwamana birasamburwa, ibitabu vyeranda na vyo birigatwa n’imbeya z’umuriro, ariko imana za kera zo ziracaba mu mitima y’Abahindi.”​—Las antiguas culturas mexicanas (Imico ya kera y’Abanyamegizike).

MURI Megizike ni ho Abaziteki baba. Mu kinjana ca 13 bari umuryango mutoyi w’abimukira, ariko bahavuye bagwira baba inganji ikomeye cane nk’iy’aba Enka (Incas) bo muri Peru. Naho inganji y’Abaziteki yatemvye igihe Abanyesupanye bari barongowe n’uwitwa Hernán Cortés bigarurira igisagara ca Tenochtitlán mu 1521, ururimi rw’Abaziteki rw’ikinahuwatali rworwo nta ho rwagiye. * Ruracavugwa n’imvukira nk’umuliyoni umwe zo mu maleta n’imiburiburi 15 yo muri Megizike. Rwarafashije kuzigama bimwebimwe mu vyo Abaziteki ba kera bemera, nk’uko vyerekanwa n’umushakashatsi Walter Krickeberg yanditse arya majambo yo mu ntango. Bimwebimwe muri ivyo bemera vyari ibihe?

Imigenzo imeze ukuntu yamara imenyerewe

Umugenzo w’Abaziteki woba uzwi cane kurusha iyindi yose ni uwo gushikana abantu bwa bimazi. Uwo mugenzo bawugira kubera bemera yuko ngo izuba ritagaburiwe imitima n’amaraso vy’abantu ryociye ripfa. Mu 1487, igihe bariko binjira urusengero rukomeye rw’i Tenochtitlán rwubatse nk’ipiramide, abantu barenga 80.000 barashikanywe bwa kimazi mu kiringo c’imisi ine, nk’uko bivugwa n’umufurera aturuka muri Esupanye yitwa Diego Durán.

Naho Abanyesupanye batewe ikinya n’uwo mugenzo, baratangaye basanze hari ibindi bintu vyinshi Abaziteki bemera bisa n’ivyo mw’idini ryabo rya gatolika. Nk’akarorero, Abaziteki baragira ivy’ugusangira aho barya udukate tw’ibigori dushushanijwe nk’imana zabo. Rimwe na rimwe, inyama z’abantu baba bashikanywe bwa bimazi na zo nyene zararibwa. Abaziteki barakoresha umusaraba, bakirega, kandi bakabatiza inzoya. Ikintu Abaziteki bari bahuriyeko n’abagatolika gishobora kuba ari co gitangaje kurusha ibindi vyose ni insengo ya Tonantzin, umubikira “Nyina w’Imana” zabo, uwo Abaziteki batazira ngo Mawe twikundira.

Bivugwa ko ku musozi Abaziteki basengerako Tonantzin ari ho umubikira w’i Gwadalupe w’umugatolika yirabura avuga ikinahuwatali yabonekeye Umuhindi w’Umwaziteki mu 1531. Ivyo vyatumye Abaziteki banyaruka kwinjira idini rya gatolika. Uwo mubikira yirabura baciye bamwubakira urusengero ku mushinge w’urusengero rwa Tonantzin. Ku wa 12 Kigarama, urwo rusengero rwama rugenderwa n’abasenzi b’Abanyamegizike ibihumbi amajana, benshi muri bo bakaba bavuga ikinahuwatali.

Mu bigwati vyabo vyo mu mitumba ya kure, Abanahuwatali baragirira imisi mikuru myinshi aberanda bitwa ko babafasha, imwimwe muri iyo misi mikuru ikaba imara imisi canke mbere imishamvu. Igitabu Ubuzima bw’Abaziteki (mu gisupanyoli) kivuga ko Abaziteki “babona ko insengo y’aberanda igirwa muri Ekeleziya gatolika ifitaniye isano n’imigenzo yagirwa imbere y’umuzo wa Cortés.” N’ikindi kandi, Abanahuwatali baraja mu vy’ubupfumu cane. Iyo barwaye birukira ba rumenyi, bano bagaca bakora ivyo guhumanura no gushikana ibitungwa. Vyongeye, benshi muri bo ntibazi gusoma no kwandika; abenshi ntibazi gusoma igisupanyoli canke ikinahuwatali. Kubera ko bumira ku migenzo yabo no ku rurimi rwabo bakaba kandi bari mu bukene butagira izina, usanga bakumirwa mu kibano.

Ukuri kwo muri Bibiliya gushikira Abaziteki bo muri iki gihe

Ivyabona vya Yehova bo muri Megizike baramaze imyaka myinshi bihatira gushikira abantu bose kugira bababwire “inkuru nziza y’ubwami.” (Matayo 24:14) Mu 2000, ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Megizike vyaratanguje umugambi wo kubwira inkuru nziza abantu bose bavuga ikinahuwatali mu rurimi rwabo bwite no gutunganya amashengero akoresha ikinahuwatali ku bw’abari basanzwe bagira amakoraniro mu gisupanyoli. Harashinzwe umugwi w’ubuhinduzi kugira ngo uhindure ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu kinahuwatali. Haragizwe kandi utwigoro two kwigisha abavuga ikinahuwatali gusoma no kwandika mu rurimi rwabo. None havuyemwo iki? Ng’ibi ivyabonywe.

Igihe umugore umwe w’imvukira yumva ari bwo bwa mbere insiguro ishingiye kuri Bibiliya mu kinahuwatali, yaratangaye avuga ati: “Tumaze imyaka cumi tuja mu makoraniro tukavayo tumeneka umutwe kubera tutumva igisupanyoli neza. Ariko ubu ni nk’aho dusubiye gutangura ubuzima!” Umugabo yitwa Juan w’imyaka 60, yari amaze imyaka umunani yiga Bibiliya yongera yitaba amakoraniro mu gisupanyoli ari kumwe n’umugore wiwe n’abana biwe mugabo adatera imbere. Yaratanguye rero kwiga Bibiliya mu kinahuwatali. Mu kiringo kidashika umwaka, yarabaye Icabona ca Yehova yabatijwe!

Nk’uko ivyo vyabonywe bivyerekana, abenshi batanguye kumenya ivyerekeye Bibiliya mu gisupanyoli, mugabo ntibabitahura neza. Aho batanguriye kugira amakoraniro n’amateraniro mu rurimi rwabo bakaronka n’ibitabu muri urwo rurimi, vyarabafashije kwakira ukuri kwo muri Bibiliya no gutahura amabanga ya gikirisu bajejwe.

Batsinda intambamyi

Naho Abanahuwatali bagize iterambere mu vy’Imana, barahuye n’intambamyi. Nk’akarorero, barabaremera ngo baje mu misi mikuru y’ivy’idini. I San Agustín Oapan, Ivyabona vya Yehova barankiwe kwamamaza inzu ku nzu. Bene kubankira batinya ko vyotumye abantu bareka gutanga amahera yo gushigikira iyo misi mikuru. Igihe Florencio n’uwundi mugwi mutoyi w’Ivyabona vya Yehova b’Abanahuwatali bariko baramamaza inkuru nziza, batatu muri bo barahagaritswe. Mu minota 20, isinzi ry’abantu ryari rimaze gukorana kugira rifate ingingo y’ukuntu bobagenza.

Florencio yibuka ibi: “Bashaka guca batwica ubwo nyene. Hari abatanze iciyumviro co kutuboha bakaduta mu ruzi tugasoma nturi! Twaraye mu gasho. Bukeye, Icabona mugenzi wacu w’umushingwamanza n’abandi bavukanyi babiri baraje kudufasha. Na bo nyene baciye batabwa mw’ibohero. Amaherezo abategetsi baraturekuye ariko badutegeka guca tuva mu gisagara.” Naho bashikiwe n’ivyo bintu, inyuma y’umwaka umwe harashinzwe ishengero ririmwo Ivyabona 17 babatijwe, amakoraniro yaryo akitabwa n’abantu nka 50.

Mu kigwati c’Abanahuwatali ca Coapala, Icabona ca Yehova yitwa Alberto yaratumiwe mu musi mukuru wo muri ico kigwati. Yaranse kuwujamwo, bituma apfungwa. Haciye hatumwako inama ya bose maze bamwe basemerera bavuga ko akwiye kumanikwa kugira n’uwashaka kuja mw’idini rya Alberto no guheba imigenzo yo muri ico kigwati atinye. Hari ibindi Vyabona bagerageje kumurekuza, ariko na bo nyene baca batabwa muri yompi. Uwo musi mukuru w’indwi yose urangiye, bose bararekuwe. Kubera ko Ivyabona babandanije kurwanywa, vyarabaye ngombwa ko bitura abategetsi bo hejuru, maze hasohorwa itegeko ryo guhagarika urwo ruhamo. Igishimishije, budakeye na kabiri uwafata iya mbere mu kubarwanya yarakiriye ukuri kwo muri Bibiliya maze arabatizwa. Ubu muri ico gisagara hariyo ishengero.

Umurima weze ugeze kwimburwa

Kubera ko Ivyabona vya Yehova babonye ko hashobora kuba iterambere mu bavuga ikinahuwatali, ubu abenshi bariko bariga urwo rurimi. Ariko intambamyi zo ntizibuze. Abanahuwatali ni abantu b’amasoni menshi badahuta bavuga ururimi rwabo kubera ivyo bakorewe. N’ikindi kandi, urwo rurimi ruvugwa kwinshi.

Sonia, umwamamaji amara umwanya munini abwira abandi inkuru nziza, arasigura icatumye atangura kwiga urwo rurimi. Sonia avuga ati: “Ku rugendo rw’amasaha abiri uvuye i muhira, hari abakozi b’abimukira b’Abanahuwatali nka 6.000 baba mu tururi bacunzwe n’abarinzi ngo ntibacaruke. Ni abantu batagira gitabara kandi bafatwa nabi. Narababaye mbonye ukuntu babayeho kubera ko Abanahuwatali bahoze ari abantu biratira ico bari, bakaba ari na bo bari bagize umushinge w’imico kama yacu. Twari tumaze imyaka 20 tubabwira inkuru nziza mu gisupanyoli, mugabo ntibashimishwa cane kubera ko batabitahura neza. Ariko aho mariye kwiga amajambo make yo muri urwo rurimi, ni nk’aho imiryango yaciye yuguruka. Ico gihe barankikuza bakanyumviriza. Nasavye umugore umwe ngo anyigishe ikinahuwatali, nanje ndamwigishe gusoma no kwandika. Ubu muri iyo mihana banyita ‘wa mugore avuga ururimi rwacu.’ Numva umengo ndi umumisiyonari mu gihugu canje.” Ubu muri ako karere hasigaye hari ishengero rikoresha ikinahuwatali.

Maricela, uwundi mwamamaji akora umwanya munini, ariko arita ku rutare kugira yige ikinahuwatali. Mu ntango, yigisha Bibiliya mu gisupanyoli umutama w’imyaka 70 yitwa Félix. Maricela atanguye kumenya ikinahuwatali, yaciye atangura kuza arasigurira ibintu uwo mutama mu rurimi rwiwe. Ivyo vyaravuyemwo ivyiza. Ibaze ukuntu yakozwe ku mutima igihe Félix yamubaza ati: “Mbega Yehova aranyumviriza igihe ndamuyagiye mu kinahuwatali?” Félix yarahimbawe no kumenya ko Yehova yumva indimi zose. Félix yama yitaba amakoraniro naho bimusaba kugira urugendo rw’amaguru rw’isaha n’inusu, kandi ubu yarabatijwe. Maricela avuga ati: “Ntiworaba ukuntu mpimbarwa no gukorana n’umumarayika afise inkuru nziza yo gutangariza ibisata vyose!”​—Ivyahishuwe 14:6, 7.

Vy’ukuri, akarere k’Abanahuwatali ni umurima ‘weze ugeze kwimbura.’ (Yohani 4:35) Ese Yehova Imana yobandanya gutumira abantu bo mu mahanga yose, ushizemwo n’Abaziteki bo mu gihe ca none, ngo baduge ku musozi wiwe kwigishwa inzira ziwe.​—Yesaya 2:2, 3.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 3 Ururimi rw’ikinahuwatali ruri mu muryango w’indimi z’imvukira zo muri Amerika zivugwa n’aba Hopi, aba Shoshone n’aba Comanche bo muri Amerika ya Ruguru. Amajambo menshi y’ikinahuwatali yahavuye akoreshwa no mu zindi ndimi. Aho twovuga nk’ijambo avocado (ivoka), ijambo chocolate (ishokola), be n’ijambo tomato (itomati).

[Ikarata ku rup. 13]

(Ushaka igisomwa cose, raba iki kinyamakuru)

IGISAGARA CA MEGIZIKO

ABAZITEKI MURI BURI LETA

150.000

MUNSI YA 1.000