Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Aburahamu yari afise ukwizera

Aburahamu yari afise ukwizera

Aburahamu yari afise ukwizera

Ni mw’ijoro kandi haratekanye. Aburahamu ahagaze hanze. Aravye hejuru mu kirere gikeye kandi cuzuye inyenyeri, emwe, aca yibuka ivyo Imana yamusezeraniye yuko uruvyaro rwiwe ruzongana n’izo nyenyeri. (Itanguriro 15:5) Kuri Aburahamu, inyenyeri ni ikintu kiboneka kimwibutsa ivyo Yehova yamusezeraniye. N’ikindi kandi, izo nyenyeri ni icemeza c’uko Yehova azobishitsa. Nakare, ko Yehova afise ububasha bwo kurema ikirere amahanga yose n’ibiri muri co vyose, ntashoboye no gutuma Aburahamu na Sara baronka umwana? Ukwo ni kwo kwizera Aburahamu afise.

UKWIZERA NI IKI? Muri Bibiliya, ijambo “ukwizera” ryerekeza ku kwemera udakekeranya na gato ikintu utabona. Ukwo kwemera kuba gushingiye ku bimenyamenya bikomeye. Umuntu yizera Imana yibanda cane kw’iranguka ry’ivyo Yehova yasezeranye, akizigira adakeka ko bizoshika ku buryo abibona nk’ibimaze kuranguka.

ABURAHAMU YEREKANYE GUTE UKWIZERA? Aburahamu yarerekanye ko yemera ivyo Imana yasezeranye. Kubera ukwizera, Aburahamu yaravuye mu gihugu ciwe c’amavuko, yizigiye adakeka ko Yehova yoshikije umuhango yamuhaye w’uko yomweretse ikindi gihugu. Kubera ukwizera, Aburahamu yagumye yimukanga i Kanani, azi neza ko uruvyaro rwiwe rwohavuye rwigabira ico gihugu. N’ikindi kandi, kubera ukwizera, Aburahamu yaragamburutse aragerageza gutangako ikimazi Izahaki, yizigiye adakeka ko bibaye ngombwa Yehova yozuye Izahaki.​—Abaheburayo 11:8, 9, 17-19.

Aburahamu yagumije ubwenge ku vyo muri kazoza aho kubugumiza ku vyarenganye. Naho Aburahamu na Sara bashobora kuba bari babayeho neza i Uri kurusha i Kanani, “ntibagumye biyumvira igihugu bari baravuyemwo.” (Abaheburayo 11:15, Today’s English Version) Ahubwo bagumije ubwenge ku kuntu Imana yobahezagiye muri kazoza bo hamwe n’abobakomotseko.​—Abaheburayo 11:16.

Aburahamu yoba yarihenze mu kwizera Imana? Habe namba. Yehova yarashikije ivyo yari yarasezeranye vyose. Uruvyaro rwa Aburahamu rwahavuye rugwira rucika rya hanga rya Isirayeli. Mu nyuma, Abisirayeli bahavuye baba i Kanani, ca gihugu nyene Yehova yari yarasezeraniye Aburahamu.​—Yosuwa 11:23.

NI IBIKI TUMWIGIRAKO? Turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye. Naho bimwebimwe muri vyo vyoba bisa n’ibidashoboka dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu, turizigira ko “ku Mana vyose [bi]shoboka.”​—Matayo 19:26.

Akarorero ka Aburahamu karatwigisha kandi ko tudakwiye kugumiza ubwenge ku kuntu ibintu vyari vyifashe kera, ahubwo ko dukwiye kubugumiza ku vyiza tuzokwironkera muri kazoza. Ivyo ni vyo umugabo umwe yitwa Jason yize kugira. Jason arwaye indwara imugaza yatumye amugara umubiri wose. Avuga ati: “Mvugishije ukuri, birashika ngasanga ndiko niyumvira ivyo muri kahise.” Yongerako ati: “Hari ibintu bitobito ariko nkumbura kurusha ibindi, nko kugumbira umukenyezi wanje Amanda.”

Naho ari ukwo, Jason arizera agaherezako yuko Yehova azoshitsa ivyo yasezeranye, ushizemwo n’ivy’uko iyi si tubako igiye vuba gucika Iparadizo be n’uko abantu b’intahemuka bazohabwa ubuzima budahera, babeho bafise amagara atagira akanenge. * (Zaburi 37:10, 11, 29; Yesaya 35:5, 6; Ivyahishuwe 21:3, 4) Jason avuga ati: “Ndiyibutsa yuko hagiye kuza ibihe vyiza kuruta ibindi,” agasigura ati: “Vuba ibintu nk’uguta umutwe, uguhagarika umutima, umubabaro, ukwitako umwikomo, vyose bizoba vyavuyeho ubutakigaruka.” Emwe, ako ni akarorero keza k’ukwizera nk’ukwa Aburahamu!

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 9 Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’ukuntu muri kazoza isi izoba ari Iparadizo, raba ikigabane ca 3, 7 n’ica 8 vy’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.