Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

Rebeka yari afise umutima ukunze wo guhimbara Yehova

Rebeka yari afise umutima ukunze wo guhimbara Yehova

REBEKA ni izina rimenyerewe mu mihingo myinshi muri iki gihe. Hoba hari uwo uzi yitwa iryo zina?​— * Rebeka yari umuntu ahambaye avugwa mu gitabu kizwi kuruta ibindi vyose mw’isi, ari co Bibiliya. Wewe umuziko iki?​— Turakwiye kwipfuza kumenya ivyerekeye Rebeka kubera yuko akarorero kiwe gashobora kudufasha gusukurira Imana y’ukuri, Yehova.

Rebeka ni izina ry’umukenyezi agira kabiri avugwa muri Bibiliya yacitse umusavyi nyakuri wa Yehova. Woba uzi umukenyezi wa mbere yabaye umusavyi nyakuri wa Yehova uwo ari we?​— Yari Sara, umukenyezi wa Aburahamu. Sara ageze mu za bukuru yaravyaye Izahaki, akaba ari we mwana wenyene yari afise. Reka ubu na ho turabe ukuntu Rebeka yari afise umutima ukunze wo gukora ibihimbara Yehova be n’ukuntu yamenyanye na Izahaki.

Hari haciye imyaka irenga 60 Imana irungitse Aburahamu na Sara ngo bave i Harani baje mu gihugu c’i Kanani. Aburahamu na Sara bamaze gusaza cane, Imana irabasezeranira umwana azokwitwa Izahaki. Nk’uko ushobora kuvyiyumvira, Izahaki arakundwa cane n’abavyeyi biwe. Sara apfa amaze imyaka 127, igihe umuhungu wiwe Izahaki amaze kuba umuntu akuze, kandi Izahaki arababazwa cane no kubura nyina wiwe. Aburahamu ntashaka ko Izahaki yubakana n’umwigeme w’Umunyakananikazi kubera ko abo bantu badasenga Yehova. Ararungika rero umusavyi wiwe, uwushobora kuba ari Eliyezeri, kugira ngo aje gucagurira Izahaki umukenyezi mu ncuti za Aburahamu i Harani, aho hakaba ari ku bilometero birenga 800!​—Itanguriro 12:4, 5; 15:2; 17:17, 19; 23:1.

Mu nyuma, Eliyezeri ari kumwe n’ingamiya cumi zikoreye ibintu be n’ingabirano z’umugeni, arashika i Harani ari kumwe n’abasuku ba Aburahamu bagenziwe. Barahagarara kw’iriba kubera yuko Eliyezeri azi ko ku mugoroba abantu baza kuvomera ibitungwa vyabo be n’imiryango yabo. Ubu Eliyezeri arasenga asaba yuko uwo yohitamwo ngo abe umukenyezi wa Izahaki, amusavye ngo amuhe amazi, yoca yishura ati: “Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe.”

Ico nyene ni co gishika! Rebeka umwigeme “mwiza cane” arashika kw’iriba. Igihe Eliyezeri amusaba ngo amuhe utwo anywa, aca avuga ati: “Hinge mvomere n’ingamiya zawe.” Igihe ariko ‘ariruka incuro n’izindi kw’iriba kuvoma amazi,’ Eliyezeri aramwitegereza “yatangaye” (NW). Iyumvire ntuze! Kugira ngo Rebeka avomere ingamiya cumi zinywe zihere inyota, akeneye kuzizanira amalitiro ashika ku 1.000 y’amazi!

Eliyezeri araha Rebeka ingabirano nziza cane, maze akamenya ko ari umukobwa wa Betuweli, incuti ya Aburahamu. Rebeka aratumira Eliyezeri na bagenziwe ngo baze iwabo ‘kuraraho’ (NW). Aca yiruka akabitangira imbere kugira aje kuvuga ibijanye n’abo bashitsi Aburahamu yari yarungitse bakagira urwo rugendo rwose bavuye i Kanani ngo baze kubaraba.

Labani musaza wa Rebeka abonye ingabirano z’igiciro zari zahawe mushikiwe akongera akamenya Eliyezeri uwo ari we, aca amuha ikaze mu nzu. Ariko Eliyezeri avuga ati: “Sindya, ntaravuga ivyo natumwe.” Aca rero asigura igituma Aburahamu yamurungitse. Betuweli n’umukenyezi wiwe hamwe na Labani barahimbarwa maze bagashigikira ivy’uwo mubano.

Eliyezeri n’abo bari kumwe bamaze gufungura, bararara ng’aho. Bukeye, Eliyezeri avuga ati: “Ni munsezere, nsubire kwa databuja.” Ariko nyina wa Rebeka na musazawe bashaka ko bagumaho “iyindi misi nk’icumi.” Babajije Rebeka nimba yemeye kugenda bidatevye, yishura ati “Ndemeye” (Ni twe dushimitse). Aca ubwo nyene ajana na Eliyezeri. Bashitse, aca aba umukenyezi wa Izahaki.​—Itanguriro 24:1-58, 67.

Wibaza ko vyari vyoroshe kuri Rebeka gusiga umuryango n’abagenzi akaja ahantu kure cane, azi ko ashobora kutazosubira kubakubita ijisho?​— Oya, ntivyari vyoroshe. Ariko rero, Rebeka yarahezagiwe kubera yagize umutima ukunze wo gukora ibihimbara Yehova. Yabaye umwe mu bo Umukiza wacu, ari we Yezu Kristu, yavutse biciyeko. Na twebwe nyene tuzohezagirwa nimba, cokimwe na we, dufise umutima ukunze wo gukora ibihimbara Yehova.​—Abaroma 9:7-10.

^ ing. 3 Nimba uriko urasoma uri kumwe n’umwana, ako gakwego kakwibutsa yuko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.