UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ndamukiza 2015

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 1 Ruheshi gushika ku wa 28 Ruheshi 2015.

Bakurambere, mubona gute ivyo kumenyereza abandi?

Raba ibintu indwi vyavuzwe n’abakurambere baroranirwa mu kumenyereza abandi bavukanyi.

Ingene abakurambere bafasha abandi gukwiza ibisabwa

Abakurambere barashobora kwungukira ku buryo Yezu yakoresha mu kumenyereza abandi, abamenyerezwa na bo barashobora kwigana akarorero ka Elisha.

INKURU Y’UBUZIMA

Twarironkeye imihezagiro ‘mu gihe ciza no mu gihe kigoye’

Inkuru y’ubuzima ya Trophim Nsomba, uwihanganiye uruhamo rukaze muri Malawi azira ukwizera kwiwe, irashobora gutuma urushiriza kugira umwiyemezo wo kuguma uri umwizigirwa.

Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?

Kuyaga birakomeza ubucuti. Ushobora gute gushira mu ngiro iyo ngingo ngenderwako ku bijanye n’ubucuti ufitaniye n’Imana?

Niwame wizigira Yehova

Urashobora gutsinda imwe mu ngorane zikomeye kuruta izindi zose zokubuza kugiranira ubucuti n’Imana.

Igituma guca umuntu mw’ishengero ari intunganyo iranga urukundo

Ikintu gituma haba umubabaro mwinshi gishobora gute vy’ukuri kuba ciza cane?

Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?

Inyishu y’ico kibazo iratuma ugira icizigiro ca kazoza.