UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ntwarante 2015

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 4 gushika ku wa 31 Rusama 2015.

INKURU Y’UBUZIMA

Twarironkeye umwuga utera umunezero kuruta

David Cartwright n’umukenyezi wiwe Gwen bahoze batambana ya ntambo ballet mugabo ubu bakoresha amaguru yabo bari kumwe mu buryo bwiza kuruta.

“Washimye kubigenza gutyo”

Kubera iki muri iyi myaka akenshi ibisohokayandikiro vyacu bisigura inkuru zimwezimwe zo muri Bibiliya mu buryo bworoshe kandi butomoye kuruta?

Woba‘uzoguma uri maso’?

Nusome ukuntu twarushirije gutahura wa mugani wa Yezu werekeye abigeme cumi b’isugi, uno ukaba ushimika ku butumwa buri muri wo bworoshe kandi bwihutirwa.

Ibibazo vy’abasomyi

Kera ibisohokayandikiro vyacu vyaravuga kenshi ivyabaye be n’ivyo bigereranya, ariko muri iyi myaka ivyo bigirwa gake. None ni kubera iki?

Ikigereranyo c’italanto kitwigisha iki?

Iki kiganiro kiraryohora ukuntu twahora dutahura wa mugani w’italanto.

Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka

Abo Kristu abona ko ari intama bashigikira gute bene wabo?

Kwubaka “mu Mukama gusa,” vyoba bikibereye?

Abiyemeje kwumvira impanuro Imana itanga baranezereza umutima wayo maze bakironkera imihezagiro yo mu vy’impwemu.