UMUNARA W’INDERETSI No 3 2019 | Ubuzima buzokwama gutya?

Abantu benshi baribaza ico kibazo, kandi inyishu iyo ari yo yose umuntu yemera kuri ico kibazo, iragira ico ikoze cane ku buzima bwiwe.

Urupfu ntiruhungwa

Naho twokwita ku rutare gute, ntidushobora guhunga ingaruka z’ubusaza n’urupfu. None ubuzima buzokwama uku nyene?

Abantu bararondera icotuma baramba

Hari abahinga mu vy’ibinyabuzima no mu vy’utugingo ngengakamere bariko barondera kumenya igituma umuntu asaza. None ubwo bushakashatsi bwavuyemwo iki?

Twaremwe kugira tubeho

Ni nde ga yemwe atipfuza kubaho igihe kirekire kandi ahimbawe?

Kubera iki dusaza hanyuma tugapfa?

Imana ntiyashaka ko abantu bapfa. Abavyeyi bacu ba mbere bari baremwe batunganye mu bwenge no ku mubiri; n’ubu baba bakiriho.

Umwansi wacu rupfu azotsindwa gute?

Imana yarashizeho intunganyo iranga urukundo mu gutanga incungu kugira ngo ikize abantu umwansi wabo, ari we rupfu.

Woronka gute ubuzima bwiza kuruta?

Kugira ngo uzoronke ubuzima Imana iriko irategurira abayikunda, hariho “inzira” ukwiye gucamwo.

Urashobora kubaho uhimbawe no muri iki gihe

Impanuro Bibiliya itanga zogufasha gute kubumbwa n’ivyo ufise, gukomeza umubano wawe canke kwihanganira indwara?

Abapfuye boba bazosubira kubaho?

Bibiliya iratanga inyishu.