Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woronka gute ubuzima bwiza kuruta?

Woronka gute ubuzima bwiza kuruta?

UBUZIMA muri iki gihe ntibumeze nk’uko Imana yavyipfuza. Yashaka ko isi yuzura abantu bemera gutegekwa n’Umuremyi, bakungukira ku buyobozi atanga kandi bakigana urukundo rwiwe be n’izindi kamere nziza afise. Imana yashaka ko basenyera ku mugozi umwe bahimbawe, bakitaho imiryango yabo, bakiga ibintu bishasha maze bagahindura isi yose iparadizo.

IMANA ISEZERANA KUZOHINDURA UBUZIMA BUKABA NK’UKO YAVYIPFUZA

  • “Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”​Zaburi 46:9.

  • “Igihe cashinzwe . . . co guhonya abahonya isi” kiriko kiraza.​Ivyahishuwe 11:18.

  • “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​Yesaya 33:24.

  • “Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.”​Yesaya 65:22.

None ivyo bizoranguka gute? Imana yaragenye Umwana wayo Yezu ngo abe Umwami w’intwaro itunganye yo mw’ijuru izotegeka isi yose. Bibiliya iyita Ubwami bw’Imana. (Daniyeli 2:44) Ku bijanye na Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Imana [i]zomuha intebe y’ubwami . . . , kandi azoganza.”​—Luka 1:32, 33.

Igihe Yezu yari kw’isi, yarakoze ibikorwa vyinshi vy’ububasha kugira yerekane ko igihe azoba aganza, azotuma ubuzima bw’abantu buba bwiza kuruta uko bumeze ubu.

YEZU YAREREKANYE IVYIZA AZOKORERA ABANTU BAGAMBURUKA

  • Yarakijije indwara z’ubwoko bwose kugira yerekane ingene azokiza burundu umuryango w’abantu.​Matayo 9:35.

  • Yaratururuje ikiyaga, aba yerekanye ingene azokingira abantu mu kugira ububasha ku bidukikije.​Mariko 4:36-39.

  • Yaragaburiye abantu ibihumbi, aba yerekanye ko azoronsa abantu ibibabeshaho.​Mariko 6:41-44.

  • Yarahinduye amazi umuvinyu ku bugeni bumwe, kugira yerekane ko azotuma abantu bahimbarirwa ubuzima.​Yohani 2:7-11.

None woronka gute ubwo buzima Imana iriko irategurira abayikunda? Hariho “inzira” ukwiye gucamwo. Bibiliya ivuga ko ari ‘inzira ipfunganye ijana mu buzima, kandi ko bake ari bo bayitora.’​—Matayo 7:14.

INGENE WOMENYA INZIRA IJANA MU BUZIMA BWIZA KURUTA

Inzira ijana mu buzima ni iyihe? Imana ivuga iti: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.” (Yesaya 48:17) Niwaca muri iyo nzira, uzogira ubuzima bwiza kuruta.

Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima.” (Yohani 14:6) Niwizera ukuri Yezu yigishije ukigana n’akarorero yadusigiye, ni ho uzoshobora kwiyegereza Imana maze ugire ubuzima bwiza kuruta.

Womenya gute inzira ijana mu buzima? Naho hari amadini menshi, Yezu yatugabishije ati: “Si umuntu wese ambwira ngo: ‘Mukama, Mukama’ azokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru, atari uwukora ukugomba kwa Dawe ari mw’ijuru.” (Matayo 7:21) Yaravuze kandi ati: “Muzobamenyera ku vyamwa bama.” (Matayo 7:16) Bibiliya irashobora kugufasha gutandukanya ugusenga kw’ukuri n’ukw’ikinyoma.​—Yohani 17:17.

Wotangura gute guca mu nzira ijana mu buzima? Urakeneye kumenya uwo ubuzima bukomokako: Ni nde? Yitwa nde? Ameze gute? Ariko akora iki? Yipfuza ko dukora iki? *

Imana ntiyipfuza gusa ko abantu babaho bakora, bafungura, bakina kandi bashinga imiryango. Turakwiye no kuyimenya kandi tukayibera abagenzi. Turakwiye kwerekana ko tuyikunda mu gukora ivyo igomba. Yezu yavuze ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri.”​—Yohani 17:3.

BICIYE KURI BIBILIYA, IMANA IRAKWIGISHA “IBIKWUNGURA.”​—YESAYA 48:17

INGENE WOTERA INTAMBWE YA MBERE

Kugira wige guhimbara Imana yonyene y’ukuri vyoshobora gusaba ko ugira ivyo uhinduye. Naho wobona umengo ni urugamba, niwatera intambwe ya mbere muri iyo nzira ijana mu buzima, uzogira ubuzima bwiza cane. Kugira Ivyabona vya Yehova bagufashe kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye Imana, barashobora kukwigisha Bibiliya ku buntu mu kibanza no ku mwanya bikworohereza. Urashobora kuturondera ukoresheje urubuga rwacu www.jw.org.