Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BE MASO! No 1 2017 | Ivyofasha umuyabaga arwaye akabonge

Igitigiri c’imiyabaga irwara akabonge gitera congerekana bimwe biteye ubwoba.

Wibaza ko iyo ngorane yotorerwa umuti gute?

Iki kinyamakuru Be maso! kirerekana ivyo imiyabaga irwaye akabonge yokora, be n’ivyo abavyeyi babo bokora kugira babafashe bongere babaremeshe.

 

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Akabonge mu miyabaga gaterwa n’iki? Ni ibiki vyofasha?

Raba ibimenyetso biranga iyo ndwara be n’ibishobora kuba biyiteza. Raba kandi ico abavyeyi be n’abandi bokora kugira bafashe imiyabaga.

Kumwenyura ni ingabire wohako n’abandi

Kumwenyura birandukira kandi bigatera umunezero, vyaba bivuye ku mugenzi canke ku muntu utazi.

TWISUNZE BIBILIYA

Gukorora inda

Inda zirenga imiliyoni 50 ni zo zama zikororwa buri mwaka. Gukorora inda vyoba ari bibi canke ni ingingo umuntu yifatira?

“Twarakozwe ku mutima n’urukundo batugaragarije”

Ku wa gatandatu, igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2015, nyamugigima ikomeye cane yarihaye inkumbi muri Nepale. Inyuma yaho, Ivyabona vya Yehova barerekanye ko abakirisu b’ukuri ari abantu bakundana kandi bafashanya.

ICOFASHA UMURYANGO

Nushimire uwo mwubakanye

Igihe umugabo n’umugore bitwararitse kubona ivyiza ku bo bubakanye no kubashimira, ubucuti bwabo burakomera. Wokora iki ngo ube umuntu ashima?

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ikinyegeri kirinda ubushuhe

Ico kinyegeri kiri mu bikoko birinda ubushuhe kuruta ibindi. Ni ibiki bigifasha kurinda izuba rimena imbwa agahanga?

Ibindi usanga kuri internet

Novyifatamwo gute ndi mu maganya?

Ibintu bitanu vyotuma amaganya agufasha aho kuguteza ingorane.

Ivyabona vya Yehova boba bafasha igihe hateye ivyago?

Raba ukuntu dufasha abo dusangiye ukwemera n’abandi igihe bashikiwe n’ivyago.