Ja ku birimwo

“Ingabire Imana yahaye abantu” yarerekanywe mu gisagara ca Cluj-Napoca

“Ingabire Imana yahaye abantu” yarerekanywe mu gisagara ca Cluj-Napoca

Igisagara ca Cluj-Napoca ni kimwe mu bisagara bininibinini vyo muri Rumaniya kandi gisanzwe kizwi ko ari igisagara kirimwo ibintu vy’agaciro. Ku wa 20 gushika ku wa 24 Ndamukiza 2016 harabaye ihayanishwa ry’ibitabu muri ico gisagara. Ryari rigenewe kunezereza abakiri bato biciye kuri ivyo bitabu. Muri iryo hayanishwa, Ivyabona vya Yehova barashimitse ku bijanye no kwigenza runtu hamwe no kugiranira ubucuti n’Imana nk’uko biri muri Bibiliya. Barayaze n’abantu benshi bari bipfuza kumenya ivyerekeye amavidewo, amabibiliya, n’ibitabu bishingiye kuri yo bari bazanye.

Amashure atari make yarafashe urugendo araja kuri iryo hayanishwa. Abigisha barajanye abanyeshure babo kuraba ibitabu vy’Ivyabona vya Yehova. Abo banyeshure barakunze cane twa tuvidewo twa Kalebu kandi benshi barasavye Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya be na ka gatabu Niwigishe abana bawe. Umukenyezi umwe akora akazi ko kwitwararika abana yarabonye utwo tuvidewo aca abwira uwo bakorana ati: “Turakwiye kwandika urwo rubuga [www.jw.org] kugira tuzoshobore kwereka abana amavidewo yose ariko.”

Abanyeshure b’imiyabaga barakozwe ku mutima na ya mavidewo y’ibisigurwa bariko barabicapa baberetse kuri tablette. Muri ayo mavidewo baravye harimwo zimwe zivuga ngo Rwoba ari urukundo canke ni igihababu?, Niwiyubare igihe ukoresha ibibanza nka Facebook na Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara.

Umupatiri umwe w’umworotodogisi n’umugore wiwe baraje kuraba ivyo bitabu incuro n’izindi, baratora Bibiliya y’isi nshasha n’utundi dutabu. Uwo mupatiri yavuze ko yakwegerewe n’igice co muri iyo Bibiliya kivuga ngo “Ironderero ry’amajambo yakoreshejwe muri iyi Bibiliya” be n’amasoko menshi yo kwizigirwa abahinduzi bisunze. Yarahaye ivyo Vyabona inomero ziwe za telefone, aca abasaba ngo bazomurondere kugira baganire n’ibindi vyinshi ku vyerekeye Bibiliya.

Umugore w’uwo mupatiri yarabajije aho yosanga amakuru yerekeye abana ku rubuga rwacu rwa jw.org, baca baramwereka ca gice kivuga ngo “Abana.” Yaciye araba ka kavidewo kavuga ngo Niwame uvugisha ukuri, kandi yaragakunze cane. Umugabo wiwe abonye ivyo bintu vyose hamwe n’ibindi biri kuri urwo rubuga, yaciye arwita “Ingabire Imana yahaye abantu.”