Ja ku birimwo

Barahumuriza abageze mu zabukuru

Barahumuriza abageze mu zabukuru

Abageze mu zabukuru baguma biyongera muri Ostraliya nk’uko biri no mu bindi bihugu. Bamwe muri bo barimurirwa mu bigo vyitaho abageze mu zabukuru. Abakorera muri ivyo bigo baritaho amagara yabo, bakabafasha no mu bindi bakenera.

Ariko ntiwumve, benshi mu baba muri ivyo bigo barakenera n’ibindi uretse kwitwararika amagara yabo. Birashika bakumva barambiwe, bakagira irungu canke mbere bakihebura. Buri ndwi, Ivyabona vya Yehova baragendera abageze mu zabukuru baba mu bigo bibiri vy’i Portland mu gisagara ca Victoria kugira babahumurize.

Babayagira ibihuye n’uko ivyabo vyifashe

Ivyabona bo muri ako karere barahurira hamwe n’umugwi w’abageze mu zabukuru, bakaganira ku nkuru zo muri Bibiliya, nk’ibintu bihambaye vyaranze ubuzima bwa Yezu. Uwitwa Jason avuga ati: “Turabasomera izo nkuru muri Bibiliya tugaca tuziganirako.” Kubera ko benshi muri bo baba bafise amagara make, ivyo Vyabona barabaremesha mu kubabwira ko Imana yasezeranye gukuraho indwara n’urupfu.

Icabona yitwa Tony yigana ati: “Mu ntango twamarana iminuta 30 ariko baciye basaba ko twokwongereza umwanya. Ubu tumara nk’isaha, naho hari uwavuze ko yoshima ko tumara amasaha abiri.” Kubera ko bamwebamwe usanga batakibona, batava ku musego canke badashobora gufata ikintu, Ivyabona barabafasha muri ico kiganiro cose kandi bakabaremesha kukigiramwo uruhara uko bashoboye kwose.

Muri ivyo biyago, Ivyabona n’abo bageze mu zabukuru bararirimbira hamwe indirimbo nkeyi zo gushemeza Imana, kandi kenshi baca basaba ngo baririmbe n’izindi. Umutama yitwa John * yavuze ati: “Turakunda indirimbo zanyu. Ziradufasha kumenya Imana no kuyubaha.” Umutamakazi yitwa Judith yarafashe ku mutwe indirimbo zose akunda cane naho atakibona.

Ivyabona baritaho umwe wese muri abo bageze mu zabukuru. Icabona yitwa Brian avuga ko iyo basanze batamerewe neza baca babasanga mu vyumba vyabo. Agira ati: “Turaganira na bo tukumva ingene bamerewe. Rimwe na rimwe turagaruka ku wundi musi kuraba ko abari barwaye bariko baroroherwa.”

“Imana ni yo yabarungitse”

Benshi mu baba muri ivyo bigo barashima kuba Ivyabona babagendera. Peter yama aza muri ivyo biyago buri ndwi. Avuga ati: “Si je mbona harageze.” Judith yama abwira uwumwitwararika ati: “Uyu musi ni ku wa gatatu. Ntegura kugira nje kwiga Bibiliya hamwe n’abandi. Sinshaka gucerwa.”

Abo bageze mu zabukuru barakunda ivyo biga, kandi barumva ko bariko bararushiriza kwiyegereza Imana. Igihe kimwe, bahejeje kuganira kuri imwe mu nyigisho za Yezu, uwitwa Robert yavuze ati: “Iki canditswe sinari bwigere ndagitahura. Ubu ndagitahuye.” David yaramenye akamaro k’isengesho. Avuga ati: “Vyaramfashije kugiranira ubucuti n’Imana kandi vyaratumye mbona ko ibaho koko.”

Abo bageze mu zabukuru barahimbarwa no kwumva icizigiro ca kazoza Bibiliya itanga. Uwitwa Lynette yabwiye ivyo Vyabona ati: “Murakoze kuba muduhumuriza mukoresheje Bibiliya.” Uwundi na we yavuze ati: “Imana ni yo yabarungitse.”

Uwitwa Margaret yararyohewe cane no kuba Ivyabona babagendera ku buryo ubu adasiba ku makoraniro y’Ivyabona vya Yehova abera ku Ngoro y’Ubwami yo muri ako karere. Ivyo bimusaba akigoro kanini kuko afise amagara make no gutambuka bikaba bitamworohera. Yabwiye ivyo Vyabona ati: “Mwaratumye twese twongera kuryohererwa ubuzima.”

‘Mukora ikintu ciza cane’

Abakorera muri ivyo bigo na bo nyene barashima ico kintu Ivyabona bakora. Icabona yitwa Anna agira ati: “Abakorera ng’aha bararemesha abahaba kuza kwumviriza ibiganiro vyacu kubera babona yuko bataha umunezero wongerekanye.” Umwe Brian twavuga yongerako ati: “Abakorera ng’aha ni abana beza kandi ntibatugora. Baradufasha cane.”

Incuti z’abo bageze mu zabukuru zirashima ukuntu ababo baryohererwa ivyo biyago. Umukobwa w’umwe muri bo yarakeje ivyo Vyabona. Yavuze ati: “Murakorera mama ikintu ciza cane.”

^ ing. 7 Si ko basanzwe bitwa.