Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova barashimiwe kubera ko bafasha abanyororo

Ivyabona vya Yehova barashimiwe kubera ko bafasha abanyororo

Ivyabona vya Yehova icenda bo muri Ostraliya barahawe impapuro z’iteka zo kubashimira kubera “igikorwa kidasanzwe” bakoreye abanyororo bo muri rimwe mu mabohero manini kuruta ayandi yo muri Ostraliya. Iryo bohero baripfungiramwo abinjiye muri ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko. Izo mpapuro z’iteka Ivyabona vya Yehova bazihawe n’ikigo citwararika ivya mwene abo banyororo (Curtin Immigration Detention Centre) kiri hafi y’i Derby, mu burengero bwa Ostraliya. *

Buri ndwi, Ivyabona baragendera abo banyororo. Abo banyororo bariganira ivyo Vyabona ivyo baciyemwo, ivyo Vyabona na bo bakababwira ubutumwa bwo muri Bibiliya buhumuriza kandi butanga icizigiro. Uwujejwe ivy’idini n’imibano muri ico kigo Christopher Riddoch yavuze ati: “Umuntu ntateba kubona ivyiza biva ku kuba ivyo Vyabona babagendera.” Yavuze ko abo banyororo baca barushiriza kwiyumva neza kandi ko iyo Ivyabona bavuye kubagendera usanga banezerewe kuruta uko bari. Ivyo babikesha ivyo Vyabona “bazi ko hariho abandi bantu boshobora kuryohererwa babikuye ku mutima ivyiza bakorerwa.”

Umushingantahe Riddoch yavuze kandi ko izo mpapuro z’iteka zahawe Ivyabona kari akantu gatoyi k’ikimenyetso gitoya co kubashimira kubera ko “batuma abantu twitwararika barushiriza kumererwa neza.” Yongeyeko yuko ivyo Vyabona “ari umuhezagiro ku miryango yabo, kw’idini barimwo no ku kwizera kwabo.”

^ ing. 2 Ico kigo gishobora kwakira abantu bashika 1.500.