Ikirundi
Amakuru
/assets/ct/7e6416ec85/images/syn_placeholder_sqr.png

Amakuru

 

2018-05-01

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ibikorane vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu 2018 bizotangura muri Rusama

Ivyabona vya Yehova bazogira isekeza ryo gutumira abantu ngo bitabe ivyo bikorane ku buntu.

2017-08-14

Democratic Republic of the Congo

Ivyabona vya Yehova baha imfashanyo abateshejwe izabo muri Kongo

Ivyabona vya Yehova baraha imfashanyo bagenzi babo hamwe n’abandi bahunze kubera intambara iriko irabera mu karere ka Kasayi muri Kongo.

2017-08-07

UBURUSIYA

Ivyabona bo mu bindi bihugu baragiye gushigikira bagenzi babo bo mu Burusiya

Inama Nyobozi yaratunganije yuko abavukanyi bava mu migabane itatu y’isi baja i Moscou.

2017-08-02

UBURUSIYA

Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaremeje ingingo yari yafashe yo guhagarika Ivyabona vya Yehova

Sentare ntahinyuzwa y’Uburusiya yaranse kwongera kwumviriza urubanza rw’Ivyabona, maze ishigikira ingingo yari yafashe ku wa 20 Ndamukiza. Ivyabona bo mu Burusiya bazokwungururiza muri ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu no muri Komite ya ONU ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu.

2017-06-28

MALAWI

Abana babiri b’Ivyabona vya Yehova bari barirukanywe baremerewe gusubira kw’ishure

Abo banyeshure bari birukanywe kubera banse kuririmba ururirimbo ruhayagiza igihugu. Abayobozi b’ishure barabemereye gusubira kwiga.

2017-06-28

UBURUSIYA

Prezida Putin yarambitse umudari abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova

Mu birori vyabereye ku kirimba c’umukuru w’igihugu, Prezida Vladimir Putin yarambitse abavyeyi b’Ivyabona vya Yehova umudari uhabwa abavyeyi b’intangakarorero. Abo bavyeyi ni Valeriy na Tatiana Novik bo mu karere ka Karelia.

2017-05-26

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bagiye gutangura ibikorane

Ivyabona vya Yehova bariko baratumira abantu ngo bitabe igikorane cabo c’imisi itatu kivuga ngo “Nugume wihangana.” Ico gikorane kizotangura ku wa 19 Rusama 2017.

2017-04-21

UBURUSIYA

Sentare nkuru y’Uburusiya yafatiye ingingo Ivyabona vya Yehova

Ivyabona bazokwunguruza urubanza kubera ingingo yafashwe yo kwugara ibiro vyabo bikuru mu Burusiya.

2017-03-23

UBURUSIYA

Ivyabona vya Yehova bahagurukiye umugambi wo kubafuta mu Burusiya

Ni kabiri na rimwe Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya bakabuzwa gusenga. Ni co gituma Ivyabona bo kw’isi yose bari mw’isekeza ryo kwandika amakete kugira bashigikire bagenzi babo bo mu Burusiya. Raba ingene wobigenza nimba wipfuza kurigiramwo uruhara.

2016-08-31

Rwanda

Urwanda rurwanya ikumirwa rishingiye ku madini mu mashure

Ivyo Leta yakoze kugira ikingire umwidegemvyo w’abanyeshure wo gusenga kari agakuru keza ku banyeshure b’Ivyabona.

2016-05-20

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ibikorane vy’Ivyabona vyo mu 2016 bizoba vyerekeye ukudahemuka

Hirya no hino kw’isi Ivyabona vya Yehova bazogira ibikorane vyo mu 2016 vyataziriwe ngo “Nugume uri intahemuka ku Mana” Ivyo bikorane bizoza biramara imisi itatu, kandi kwinjira ni ku buntu. Abantu bose barahawe ikaze.

2016-03-03

AMAKURU YO KW’ISI YOSE

Ivyabona vya Yehova bariko baragira isekeza kw’isi yose ryo gutumira abantu

Ivyabona vya Yehova baratanguye kw’isi yose isekeza ko ryo gutumira abantu ku rubanza bama bagira buri mwaka rwo kwibuka urupfu rwa Yezu. Ruzoba ku wa 23 Ntwarante 2016.

2015-12-25

LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Basozera ibikorwa nyamukuru vy’ubwubatsi bw’icicaro gikuru gishasha

Ivyabona biteze ko ubwubatsi bw’inyubakwa zabo nshasha buzoba bwarangiye itariki 1 Nyakanga 2016, hagisigaye amezi ane ngo ikiringo cari carategekanijwe kigere.

2015-12-25

LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

Igurishwa benshi bari barindiranye umushasharo

Ivyabona vya Yehova bariko baragurisha bimwe mu bibanza bihurumbirwa cane vy’i Dumbo n’i Brooklyn Heights muri New York.